Trump yasubiye gufatira ibihugu ingingo zo kutinjira muri Amerika, Uburundi burimwo kuri bamwe bamwe

Perezida Donald Trump wa Amerika ariko arashikiriza ijambo yambaye ishati y'ubururu n'ikaruvati itukura, ari imbere y'amabendera.

Ahavuye isanamu, Reuters

    • Umwanditsi, Rachel Hagan

Perezida Donald Trump wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika yongereje urutonde rw'ibihugu abanyagihugu bavyo batemerewe kwinjira ku butaka bw'iki gihugu, mu kwongerako ibindi bitanu hamwe n'abantu bafise impapuro z'inzira zitangwa n'Ubutegetsi bwa Palestina.

Maison Blanche/White House (ibiro vy'umukuru w'igihugu ca Amerika) ivuga ko izi ngingo zifise intego yo "gukingira umutekano wa Reta Zunze Ubumwe [za Amerika]" kandi ko zizotangura gushirwa mu ngiro ku wa 1 Nzero (1).

Ku rutonde rwari rusanzwe ruhari rw'ibihugu abanyagihugu batari bemerewe kwinjira muri Amerika burundu, hongeweko Burkina Faso, Mali, Niger, Sudani y'Epfo na Syria, co kimwe n'abafise impapuro z'inzira zitangwa n'ubutegetsi bwa Palestina.

Ubutegetsi bwashize kandi ibihugu vya Laos na Sierra Leone - vyari bisanzwe biri ku rutonde rw'ivyafatiwe ingingo zigabanya ku rugero ingendo z'abashaka kwinjira muri ico gihugu - ku rutonde rw'ibibuzwa burundu.

Bwafatiye kandi ibihugu 15 ingingo zigabanya ku rugero ingendo z'abashaka kwinjira muri ico gihugu, harimwo Uburundi, Nigeria, Tanzania na Zimbabwe.

Kuva asubiye ku butegetsi muri Nzero uno mwaka wa 2025, Trump yagiye afata ingingo ruhasha zo kugenzura abinjira n'abasohoka, akavuga ko izi ngingo zo kubuza abinjira mu gihugu zari nkenerwa kubera ico ubutegetsi bwiwe buvuga ko hari ibihugu bidafise uburyo bukwiriye bwo kugenzura abasaba kwinjira mu gihugu.

Abategetsi bavuga ko izi ngingo zafashwe kubera hari abantu benshi barenza ikiringo ca viza (visa) baba bahawe, ibihugu bidashobora gutanga amakuru yizewe ajanye n'umwidondoro, igiturire, ibikorwa vy'iterabwoba hamwe n'uko ibihugu bidashaka gufashanya na Amerika mu kwakira abantu baba birukanywe.

Iyi ngingo itangajwe inyuma y'ihagarikwa ry'umunya-Afghanistani yikekwa ko ari we yari aherutse kurasa ingabo zibiri zo mu gisata c'igisirikare ca Amerika kijejwe gutabara (National Guard), hari mu kwezi guheze kwa Munyonyo (11), igitero Maison Blanche yafatiyeko mu kwerekana impungenge z'umutekano.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Ubu bugize gatatu Trump afata ingingo zo kubuza abanyagihugu b'ibihugu bimwe bimwe kwinjira muri Amerika.

Mu kiringo ciwe ca mbere, yarafashe itegeko bwirizwa nk'iri mu 2017, ryateje imyiyerekano n'ibikorwa vyo kurirwanya biciye mu butungane, hagati no hanze y'igihugu. Iyi ngingo yahavuye yemezwa na Sentare nkuru y'igihugu ya Amerika.

Maison Blanche ivuga ko izi ngingo zibuza abanyagihugu b'ibihugu kanaka kwinjira mu gihugu zizogumaho gushika ibihugu vyazifatiwe vyerekanye ko hari "intambwe zizewe zatewe" mu bijanye no gutanga imyidondoro, gutanga amakuru yizewe hamwe no gukorana n'igisata ca Amerika kijejwe abinjira n'abasohoka.

Hari bamwe izi ngingo zitazokorako, kandi ntizizofata abantu basanzwe bafise uburenganzira bwo kuba mu gihugu burundu, abantu batari bake basanzwe bafise viza, abakora mu buserukizi bw'ibihugu, canke abanonotsi binjira mu gihugu mu mahiganwa akomeye y'inkino.

Abategetsi bavuga ko hazobaho abantu bashobora kuzokwemererwa ku giti cabo mu gihe urugendo rwabo ruzoba ari uruzanira inyungu igihugu.

Ibihugu abavyo babujijwe burundu kwinjira mu gihugu:

  • Afghanistan
  • Burkina Faso
  • Burma
  • Chad
  • Guinée équatoriale
  • Eritrea
  • Haiti
  • Iran
  • Laos
  • Libya
  • Mali
  • Niger
  • République du Congo (Congo Brazaville)
  • Sierra Leone
  • Somalia
  • Sudani y'Epfo
  • Sudani
  • Syria
  • Yemen
  • Abantu bakoresha impapuro z'inzira zitangwa canke zemezwa n'ubutegetsi bwa Palestina na bo nyene barabujijwe burundu kwinjira

Ibihugu abavyo babujijwe ku rugero kanaka:

  • Angola
  • Antigua and Barbuda
  • Benin
  • Burundi
  • Côte d'Ivoire
  • Cuba
  • Dominica
  • Gabon
  • The Gambia
  • Malawi
  • Mauritania
  • Nigeria
  • Senegal
  • Tanzania
  • Togo
  • Tonga
  • Venezuela
  • Zambia
  • Zimbabwe

Ikibazo cihariye:

  • Turkmenistan (ingingo zibuza abanyagihugu b'iki gihugu kwinjira muri Amerika zigumaho, ariko zikaba zarakuwe ku basaba amaviza yo kuguma mu gihugu igihe gito)