Abasirikare babiri bajejwe gutabara bamerewe nabi barasiwe hampande ya Maison Blanche

Ahavuye isanamu, Reuters
- Umwanditsi, Tom Bateman
- Igikorwa, I Washington DC
Ingabo zibiri zo mu gisata c'igisirikare ca Amerika kijejwe gutabara (National Guard) zakomeretse cane inyuma yo kuraswa i Washington DC, hafi y'ibiro vy'umukuru w'igihugu (Maison Blanche/White House), mu gitero umukuru w'igisagara yise "iraswa ryateguwe".
Igipolisi kivuga ko uwikekwa, akaba yari wenyene, yarashe aba basirikare babiri bava muri West Virginia ku mugoroba wo ku wa gatatu, imbere y'uko aturuzwa n'abandi basirikare bo muri ico gisirikare kijejwe gutabara bari hafi yaho inyuma yo kwumva amasasu.
Perezida Donald Trump, aho yari ari muri Florida igihe ibi vyaba yavuze ko uwikekwa kurasa ari umunya-Afghanistani yinjiye muri Amerika muri Nyakanga (9) 2021.
Arahiga ko ubutegetsi bwiwe buzokora ibishoboka vyose mpaka uwikekwa "ahawe igihano ruhasha gishoboka" ku "gikorwa c'ububisha, igikorwa c'urwanko n'igikorwa c'iterabwoba".

Ahavuye isanamu, Getty Images
Mw'itangazo, ubushikiranganji bujejwe umutekano wo hagati mu gihugu buvuga ko uwikekwa yitwa Rahmanullah Lakamal, "inkozi y'ikibi y'umunyamahanga ava muri Afghanistani". Ntibitomoye ingene yinjiye mu gihugu.
Ibihumbi mirongo vy'abanya-Afghanistani barinjiye muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika mu rwego rwo kubakingira mu buryo bwihariye igihe ingabo za Amerika zava muri ico gihugu mu kajagari mu 2021 ku butegetsi bwa Perezida Joe Biden.
Mw'ijambo ryiwe nijoro ku wa gatatu, Trump yagize ati: "Ubu rero dutegerezwa gusubira kwihweza neza buri munyamahanga yinjiye mu gihugu cacu avuye muri Afghanistan ku ntwaro ya Biden".
Igisata ca Amerika kijejwe ubwenegihugu n'abimukira kivuga ko cahagaritse kwiga amadosiye y'abanya-Afghanistani bose basaba uburenganzira bwo kuba mu gihugu, mu gihe kiriko kirasubiramwo uburyo bwo kugenzura neza abinjira.
Itangazo ryatanzwe na Joint Task Force DC, ishami mpuzabikorwa rya gisirikare rijejwe gutunganya ibikorwa vy'izi ngabo zijejwe ubutabazi i Washington DC, rivuga ko iki gitero cabereye hafi y'ikibanza kizwi nka Farragut Square Metro Station ku wa gatatu nk'isaha umunani n'iminota 15 (14:15) mu masaha yaho, ni ukuvuga nk'isaha imwe n'iminota 15 z'ijoro (19h15) mu masaha ya Kigali na Gitega.
Umukuru w'igisata kijejwe igendereza ryo hagati mu gihugu (FBI), Kash Patel, – ari na co kirongoye amatohoza – yabwiye abanyamakuru ko aba basirikare "batewe batiteguye mu gikorwa c'ubukozi bw'ikibi bw'agahomerabunwa".
Icegera c'umukuru w'igipolisi Jeff Carroll avuga ko uwikekwa gukora iki gitero "yabaturutse inyuma" hanyuma "agaca atangura kurasa ubwo nyene ".
Avuga ko aba basirikare bari "batezwe umutego".
Abandi basirikare bo mu ngabo zijejwe gutabara bari hafi barumvise amasasu baca baratabara, nk'uko abivuga.
Carroll ati: "Barashoboye gutabara baramugumiriza hasi amaze kuraswa, gushika igipolisi gishitse inyuma y'akanya gato."
Uwikekwa gukora iki gitero yarashwe incuro zine, nk'uko abapolisi babibwiye ikimenyeshamakuru CBS.
Ntibiramenyekana neza ikirwanisho cakoresheje muri ico gitero canke imvo yatumye kiba.
Amasoko yo mu gipolisi yabwiye CBS nijoro ku wa gatatu ko uno yikekwa gukora iki gitero atariko arorohereza abategetsi.
Perezida Trump – aho ari mu kibanza ca Mar-a-Lago mu gisagara ca Palm Beach – arahiga ko ategerezwa guhana uno yakoze iki gitero.
Yanditse ku rubuga hwaniro rwiwe Truth Social ati: "Iyi nyamaswa yarashe izi ngabo zacu z'igisirikare kijejwe gutabara, bompi bakaba bakomeretse cane, bakaba bariko bavurirwa mu bitaro bibiri bitandukanye, nayo nyene yakomeretse cane, ariko ivyo ntaco bivuze, azotegerezwa guhabwa igihano ruhasha."
"Imana ihezagire igisirikare cacu gikomeye kijejwe gutabara, hamwe n'abasirikare bacu bose n'igipolisi."
Buramatari w'intara ya West Virginia Patrick Morrisey yavuze mu butumwa bwiwe yacishije ku rubuga rwa X ko abarashwe bompi bari abo mu ngabo zijejwe gutabara zikorera mu ntara yiwe kandi ko bari bapfuye bazize ibikomere.
Ariko haciye akanya gato yasohoye ubutumwa bugira kabiri bwavuga "amakuru avuguruzanya" ku bijanye n'ingene bamerewe.
Ahabereye iki gitero hari huzuye imodokari z'igipolisi, abajejwe umutekano bafise ibirwanisho hamwe n'ingabo zo mu giirikare kijejwe gutabara.
Umwe mu babibonye aho yari ari mu modoka yiwe hafi y'igituro ca gari ya moshi yeretse BBC videwo y'aba basirikare babiri baryamye hasi mw'ibarabara mu mwambaro wabo bariko baravurwa n'abaganga.
Uwa gatatu, ashobora kuba ari uno yikekwa ko yakoze igitero, na we nyene yari aryamye hasi ariko aravurwa.
Umushikiranganji wo kwivuna abansi Pete Hegseth yavuze ko umukuru w'igihugu yamusavye kurungika izindi ngabo 500 zo mu gisirikare kijejwe gutabara i Washington DC, inyuma y'iki gitero.

Ahavuye isanamu, EPA














