Abahunga RD Congo: mu Burundi hakenewe ayarenga miriyoni 30$ yo kubafasha

Abantu benshi barimwo abaryamye n'abahagaze n'ibintu vyabo nk'imatera birundnaye, haroboneka uwuryamye ukuboko kwiwe gufashe umutaka usa n'urwatsi rubisi, ku ruhande rw'iburyo haboneka n'akotsi mu Rumonge ku wa 15 Kigarama 2025
Insiguro y'isanamu, Abahunga RD Congo bamwe baza mu bwato mu Kiyaga Tanganyika nk'abo bagandagaje ku kivuko ca Rumonge

Reta y'Uburundi hamwe n'amashirahamwe mpuzamakungu yeteye akamo ko kwegeranya amafaranga arenga miriyoni 33 z'ama dorari yo gufasha abantu bahunga Repuburika ya Demokarasi ya Congo.

Abahunga baguma biyongera inyuma y'indwi igisagara ca Uvira gifashwe na M23, umugwi w'abitwaje ibigwanisho ugwanya reta y'ico gihugu.

''Kuva itariki 5 kugera itariki 16 uku kwezi [kwa cumi na kabiri], mu Burundi hamaze guhungira abantu 76 015 b'Abanye-Congo'', nk'uko vyamenyeshejwe n'umushikiranganji w'Uburundi ajejwe intwaro yo hagati mu gihugu, umutekano n'iterambere rusangi, Léonidas Ndaruzaniye.

''Abarundi bagarutse iwabo nabo bangana 8700'', nk'uko yabandanije ameyesha.

Yabivugiye mu nama uwo mushikiranganji na mugenziwe ajwjwe imigenderanire no gufashanya n'amakungu Edouard Birimana bahuriyemwo n'abaserukira ibihugu vyabo hamwe n'amashirahamwe mpuzamakungu.

Uwuhuza ibikorwa vy'amashami ya ONU mu Burundi, Violet Kenyana Kakyomya, yamenyesheje ko izo mpunzi zimerewe nabi.

Niko guca amenyesha amahera akenewe kugira izo mpunzi zizofashwe mu mezi ane ari mbere.

''Hakenewe amafaranga angana imiliyoni 33 z'ama dorari kugira tugarukire zino mpunzi mu kiringo c'amezi ane'', niko yamenyesheje.

Hamaze kuboneka angahe?

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Ariko yavuze ko amafaranga akenewe ashobora kurenga ayo '' mu gihe impunzi zobandanya ziyongera mu Burundi'', nk'uko, nk'uko Kakyomya yabandanije avuga.

Hari abamze kwumva ako kamo.

Uwurongoye ishami rya ONU riraba impunzi mu Burundi, Brigitte Mukanga Eno, yamenyesheje ko Ishirahamwe ry'Ubumwe bwa Bulaya rija ryemeye intererano yaryo yihuta.

''Amafaranga afadika dufise ubu nyene ni imiliyoni 3 z'amadolari yemewe n'Ishirahamwe ry'Ubumwe bwa Bulaya biciye mu gisata caryo kijejwe gufasha mu gihe c'ibiza, ECHO.

Eno yavuze kandi ko ''hari ayandi mashirahamwe dufashanya yamaze gutangura gukoresha amafaranga yari mu bindi bisata kugira afashe mu kugarukira zino mpunzi ''

Abo bantu bahunga igihugu ca RD Congo binjira mu Burundi mu nzira zitandukanye ku mipaka y'ubutaka no mu kiyaga Tanganyika.

Muri komine Cibitoke zone Ndava niho hari impunzi nyishi zirenga gato ibihumbi 30, hagakurikira abari mu Gatumba barenga ibihumbi 20.

Abo ni abamaze kwandikwa gusa mu gihe baguma biyongera. Mu minsi itatu iheze, mu Rumonge hari hamaze gushika abarenga ibihumbi 20.

Izo mpunzi zica zirungikwa mw'ikambi ya Bweru mu ntara ya Buhummuza mu buseruko bw'Uburundi ahamaze gushikayo abarenga ibihumbi 12.

Kuva mu ntango z'uyu mwaka, mu Burundi hari hasanzwe hamaze guhungira Abanye-Congo barenga 35.000 bahunze igihe umuhari M23 wigarurira ibisagara vya Goma na Bukavu mu ntara za Kivu ya Ruguru na Kivu y'Epfo.

Abo bari baje bahasanga abandi barenga 90.000. Muri abo abarenga 56.000 bari mu makambi y'impunzi.