Afrika y'Epfo iranegura umugambi wa Amerika wo gushira imbere abazungu b'aba-Afrikaner mu gutanga ubuhungiro

Ahavuye isanamu, Getty Images
- Umwanditsi, Bernd Debusmann Jr
- Igikorwa, Kuri Maison Blanche
- Umwanditsi, Mayeni Jones
- Igikorwa, Umumenyeshamakuru kuri Afurika
- Umwanditsi, Natasha Booty
Muri iyi ndwi ubutegetsi bwa Trump bwamenyesheje ko buzogabanya igitigiri c'impunzi zemerewe kwinjira muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika gushika ku 7.500 mu mwaka uza, kandi muri abo buhe ikibanza kinini abanya-Afrika y'Epfo b'abazungu bazwi nk'aba Afrikaner.
Iyi ngingo, yashizwe ahabona mw'itangazo, igaragaza ukugabanura gukomeye igitigiri kuva ku 125.000 rwari rwashizweho na Prezida yahahora Joe Biden, ibi bikazotuma urwo rugero ruba urwa mbere ruto cane rutari bwigere rubaho.
Nta mvo yatanzwe kw'igabanywa ry'ico gitigiri, ariko itangazo ryavuze ko "vyatumwe n'umwitwarariko w'ubuntu" canke ko ingingo yafashwe "ku nyungu z'igihugu".
Reta ya Afrika y'Epfo yaneguye iyo ngingo ivuga ko herekanywe cane ko ibivugwa ko hariho jenoside y'abo bazungu atawovyizera kandi bitagira icemezo gifadika.
Yashingiye kw'ikete ryuguruye ryasohowe na bamwe mu bantu bakomeye mu ba-Afrikaner muri iyi ndwi biyamiriza iyo mvugo, aho bamwe bavuga ko uwo mugambi wo kwimurirwa muri Amerika urimwo amacakubiri ashingiye ku rukoba.
Reta ya Afrika y'Epfo yongeyeko ko igitigiri gito c'aba-Afrikaner bo muri Afrika y'Epfo biyandikisha ngo bimukire muri Amerika ari ikimenyetso c'uko batariko baraburabuzwa.
Mu kwezi kwa mbere, Trump yashize umukono kw'itegeko rihagarika umugambi wo kwinjiza impunzi muri Reta zunze ubumwe za Amerika uzwi nka USRAP, aho yasigura ko bizotuma abategetsi ba Amerika bibanda cane ku kurinda umutekano w'imbere mu gihugu n'uw'abanyagihugu.
Urugero ruto cane rw'impunzi zari zemerewe kwinjira muri Amerika rwaheruka, rwari rwashizweho n'intwaro ya mbere ya Trump muri 2020, igihe yategekanya ibibanza 15,000 ku mwaka w'amafaranga reta ikoresha wa 2021.
Itangazo ryashizwe ku rubuga rwa reta ya Amerika rucishwako ibijanye n'ingingo zifatwa ruzwi nka Federal Register, rivuga ko abagera ku 7.500 bemerewe bazoba "ahanini" ari aba Afrikaner bo muri Afrika y'epfo hamwe n'"abandi bagirirwa ikumirwa riteye kubiri n'amategeko mu bihugu vyabo".
Mu kwezi kwa kabiri, umukuru w'igihugu ca Leta Zunze Ubumwe za Amerika, Donald Trump, yatangaje ko ahagaritse imfashanyo ikomeye ku gihugu ca Afrika y'Epfo yongera amenyesha ko yiteguriye kwemerera bamwe mu ba Afrikaner – benshi muri bo basanzwe ari abazungu bakomoka ku banya Hollande n'Abafaransa – kwimukira muri Amerika nk'impunzi.
Uwuserukira Afurika y'Epfo i Washington, Ebrahim Rasool, yaciye yirukanwa inyuma yo kwagiriza Trump ko "ariko ashigikira ivyiyumviro bijanye n'ugusumba abandi no kuganza" hamwe no kugerageza "gushira imbere ishusho y'uko abazungu bahohotewe mu buryo bufobetse".
Mu biro vy'umukuru w'igihugu ca Amerika mu kwezi kwa gatanu, Trump yarasugereje umukuru w'igihugu ca Afrika y'Epfo, Cyril Ramaphosa, yemeza ko abarimyi b'abazungu bo mu gihugu ciwe bariko baricwa kandi "bahohoterwa".
White House yarerekanye amareresi yavuga ko yerekana ahashinguwe abarimyi b'abazungu bishwe. Ariko mu nyuma vyaciye bimenyekana ko yari amashusho y'agace k'imyiyerekano yabaye muri 2020 aho imisaraba yerekana abarimyi bishwe ku myaka myinshi.
Uwo mubonano utari woroshe wabaye iminsi mikeya inyuma y'uko Reta Zunze Ubumwe za Amerika zari zemereye ubuhungiro aba-Afrikaner 60.
Reta ya Afrika y'Epfo yariyamirije cane ibivugwa ko aba-Afrikaner hamwe n'abandi bazungu bo muri ico gihugu bahohoterwa.

Ahavuye isanamu, Reuters
Ku munsi wiwe wa mbere agitangura amabanga ku wa 20 Nzero, Trump yafashe ingingo ihagarika umugambi wo kwemerera impunzi kwinjira muri Amerika uzwi nka 'US Refugee Admissions Programme', canke USRAP mu mpfunyapfunyo, avuga ko uzotuma abategetsi ba Amerika bashira imbere umutekano w'igihugu no gukingira abanyagihugu.
Politike ya Amerika yo kwakira Abanyafrika y'Epfo b'abazungu yatumye amashirahamwe aharanira agateka k'impunzi ayinegura, aho avuga ko harimwo nkunzi.
Bamwe bavuga ko Amerika ubu yugaye imiryango ku yindi migwi itotezwa canke abantu bashobora kugirirwa nabi mu bihugu vyabo, eka mbere n'abahoze ari incuti zafashije ingabo za Amerika muri Afghanistan canke mu buseruko bwo hagati.
Ku wa kane, Krish O'Mara Vignarajah, umuyobozi mukuru w'ishirahamwe Global Refuge, yagize ati: "Iyi ngingo ntigabanya gusa urugero rw'impunzi zinjira. Bigabanya ubuntu bwacu."
Yabandanije avuga ati: "Mu gihe c'ingorane mu bihugu uhereye muri Afghanistan ugaca muri Venezuela gushika muri Sudan n'ahandi, gutanga igice kinini cane c'ubuhunzi ku mugwi umwe gusa bihungabanya intumbero y'uwu mugambi bikanawutesha agaciro."
Ishirahamwe Refugees International na ryo nyene ryariyamirije iyo ngingo, rivuga ko "iteye isoni ku gukingira impunzi hamwe n'indangagaciro za Amerika".
Refugees International ivuga iti: "Tuvugishe ukuri: ingorane izo ari zo zose aba-Afrikaners bamwe bashobora kugira, aba bantu nta na kimwe gifadika cotuma barondera guhabwa ubuhungiro - ntibahunga itotezwa ryatunganijwe."
Igihe c'umubonano wo mu biro vy'umukuru w'igihugu ca Amerika, Prezida Ramaphosa yavuze gusa ko yizeye ko abategetsi bo ku ntwaro ya Trump bazokwumviriza abanya Afrika y'Epfo kuri ico kibazo, mu nyuma avuga ko yemera ko hari "ugukekeranya n'ukutizera kuri ivyo vyose mu mutwe wiwe [wa Trump]".
Mu ntango z'uyu mwaka, Ramaphosa yateye umukono kw'itegeko ritavugwako rumwe ryemerera reta, mu bihe bimwe bimwe, gufata amatongo y'abantu ku giti cabo itarinze gutanga umuzibukiro.
Naho ico gihugu kidashira ahabona ibitigiri bijanye n'ubugizi bwa nabi bushingiye ku moko, ibiharuro vyashizwe ahabona mu ntango z'uyu mwaka vyerekana ko abantu 7.000 bishwe muri Afrika y'Epfo hagati y'ukwezi kwa cumi n'ukwa cumi na kabiri umwaka wa 2024.
Muri bo, 12 bishwe mu bitero vyo mu mirima kandi umwe gusa muri abo 12 yari umurimyi. Abandi batanu bari abasanzwe baba mu mirima, bane bakaba bari abakozi, bishoboka cane ko bari abirabure.
Isi ndimwa ahanini iri mu minwe y'abazungu bangana na 7% y'abanya-Afrika y'Epfo bose.













