'Sinaje ngaha kwiryohera' umu Afrikaner ashigikira kuba impunzi muri Amerika

- Umwanditsi, Nomia Iqbal na Cai Pigliucci
- Igikorwa, BBC News
- Yakoze inkuru ari, Buffalo, New York
Ku ndwi iheze, Charl Kleinhaus w'imyaka 46 yaba mw'itongo ry'umuryango mu ntara ya Mpumalanga, muri Afrika y'Epfo. Iyo ntara, ku bwiza bw'imisozi yayo, ibikoko hamwe n'imanga zirezize, izwi nk'''aho izuba riserukira''.
Iwe hashasha – ubu – ni ihoteri ibayabaye hafi y'ibarabara rinini muri Amerika.
We n'abandi barenga 50 b'abazungu b'abanya-Afrika y'Epfo bimuriwe muri Amerika mu mugambi uteye impari wa perezida Donald Trump wo kubakingira gukumirwa avuga ko kubahanze – ikirego Afrika y'Epfo yiyamiriza.
Kleinhaus arashigikira umukuru wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika aho yabwiye BBC ko yavuye mu gihugu ciwe inyuma y'aho aterewe ubwoba bwo kwicwa mu butumwa bwo kuri Whatsapp.
"Navuye mu nzu yanje y'ivyumba bitanu, iyo ubu ndahevye,'' niko Kleinhaus abwira BBC, aho abandanya avuga ko yahevye imodoka yiwe, imbwa ziwe, mbere na nyina wiwe. "Sinaje ngaha kwiryohera'', niko yongerako.
Aho aba ubu n'inzu yasize muri Afrika y'Epfo ntaho bihuriye. Ariko, Kleinhaus avuga ko i Buffalo muri New York, "amerewe neza gusumba. Abana banje baratekanye,'' niko Kleinhaus avuga. Umugore wiwe yahitanywe n'isanganya ry'imodoka mu 2006.
Uko abarimyi-borozi bo muri Afrika y'Epfo bamerewe bimaze igihe bigarukwako cane n'abanyaporitike bagendera ku vyiyumviro bidakunda impinduka (droite na extreme-droite).
Trump na somambike wiwe, Elon Musk yavukiye muri Afrika y'Epfo, banavuze ko habaye jenoside y'abarimyi-borozi b'abazungu muri Afrika y'Epfo – ibintu henshi bitahawe agaciro.
Muri Ruhuhuma, Trump yemeje itegeko ry'umukuru w'igihugu riha ubuhunzi aba Afrikaner, nka Kleinhaus, avuga ko bariko baratotezwa.
Kleinhaus ni umwe mu bantu 59 bururutse ku kibuga c'indege ca Dulles hafi ya Washington, inyuma y'aho ubutegetsi bwa Trump bunyarukirije kwiga amadosiye yabo yo gusaba ubuhungiro.
Avuga ko nawe yatangaye ingene vyanyarutse kugira ashike muri Amerika, kandi ko akengurukira Trump. ''Numvise ko bwa bundi hari ho umuntu muri iyi si abona ibiriko biraba,'' niko avuga.
Igihe we n'umuryango bashika bari kumwe n'abandi ku kibuga c'indege, basanganiwe n'ibipurizo biri mu mabara y'iryera, iry'agahama n'iry'ubururu. Avuga ko ingene bakiriwe neza ''vyamurengeye''.
Aba Afrikaner ni abazungu b'inkehwa batwaye Afrika y'Epfo mu gihe ca apartheid, bashiraho poritike y'ivangura mu gihugu gushika iyo ntwaro iciwe mu 1994.
Ariko inyuma y'imyaka 30, abarimyi-bozozi b'abirabure bafise agace gato gusa k'amatongo yo muri ico gihugu, menshi akaba akiri mu minwe y'abazungu.
Ivyo vyatumye haba ishavu ko ibintu biriko birikwega mu guhinduka. Kleinhaus aremera ko abirabure bafashwe nabi mu gihe ca apartheid co kimwe na we.
Ariko avuga ati: ''Ntaho mpuriye na apartheid. Nta na hamwe, na hamwe , na hamwe.''
Muri Nzero, perezida wa Afrika y'Epfo, Cyril Ramaphosa, yashize umukono kw'itegeko ryateye impari riha ububasha reta kwaka itongo umuntu afise ku giti ciwe adahawe umuzibukiro – mu bihe runaka, ibonye ko ''bibereye kandi ku neza ya bose''.
Reta ya Afrika y'Epfo ivuga ko gushika ubu ata muntu arakwa itongo ryiwe. Ariko Kleinhaus avuga ko iyo reta imaze kuvuga ko ikeneye itongo ryawe – aho akavuga ko ariko vyifashe kuri we – biragora gusubira gukora.
''Itongo ryawe rica ricika ubusa – kwakwa amatongo bishitse kure,'' niko avuga. ''Abantu birabateye ubwoba. Abandi ba Afrikaner batunegura baba mw'izinga [rya bonyene]''.
Bamwe mu ba-Afrikaner nka we bavuze ko Kleinhaus n'abo bajanye ari intambirakiza, kandi ko kuba warahuye n'ubugizi bwa nabi bidahuye n'ugutotezwa kwotuma urondera kuba impunzi.
Kleinhaus aremera ko ivyo kugandagura abarimyi-borozi muri Afrikan y'Epfo biri ku rugero rwo hasi, ariko avuga ko adashaka kuba umwe mu bo vyoshikira. ''Hariho abantu aho mba barashwe barapfa,'' niko avuga.
Avuga ko hari abantu mu kibano bamurungikiye ubutumwa bw'iterabwoba: ''Nararonka kenshi ubutumwa kuri Whatsapp buvuga ngo 'tuzogukuraho, uri kw'itongo rya nje'.''
Kleinhaus avuga ko imbere y'uko aja muri Amerika yaronse ubutumwa buvuga ngo : ''Turakuziye, ku neza yawe woba maso.''
Avuga ko n'imashine ziwe z'uburimyi zononywe, kandi ko igiporisi c'aho ataco cakoze ku vyo yakibwiye.
Ramaphosa yavuze ko abo bantu bagiye muri Amerika ari ''ibinyaganwanka'' avuga ko badashaka gukosora akarenganyo kabaye mu gihe ca apartheid.
''Nk'abanya-Afrika y'Epfo, turagwa tukivyukiranya'', niko yavuze muri iyi ndwi. ''Ntiduhunga ingorane zacu. Dutegerezwa kuguma ngaha dugatorera inyishu ingorane zacu.''
Igituma ukwimura aba Afrikaner bitera impari ni uko izindi mpunzi zankiwe, harimwo n'abanya-Afghanistan muri iyi ndwi batswe uruhusha bari barahawe rwo kubakingira.
Ubushikirangannji bwa Amerika bujejwe umutekano wo hagati mu gihugu bwavuze ko iyi ngingo yafashwe kuko umutekano n'ubutunzi muri Afghanistan vyateye imbere – n'ubwo abashingamateka n'abakenguzamateka batavuga rumwe na Trump hamwe n'imigwi iharanira uburenganzira bagumye basemerera.
Kleinhaus avuga ko abumvira ikigongwe: ''Nta kundi kubona abo banya-Afghanistan badashobora kuza ngaha. Ariko ndazi ko hariko inzira iriko irakurikizwa hariya. Kandi ndazi ko iyo wemerewe muri iyo nzira, baraheza bakakwitaho.
Yoba atewe umutima uhagaze ko yoba ariko aragirwa na Trump nk'igikoresho ca poritike? Kandi ko uwundi mukuru w'igihugu ashobora kuvuguruza iyo ngingo mu myaka ine iri mbere?
Aho Kleinhaus aca amara akanya ataco avuze, hanyuma ati: ''Ego, birateye ubwoba. Ariko ndi umuntu asenga. Kuba ndi muri uyu mugwi ni igikorwa c'Imana, nivyo nemera, kuko amahirwe yo gutorwa mu baza ubwa mbere yangana na 0.0 kw'ijana.''

Ahavuye isanamu, Reuters
Kuva agarutse ku butegetsi, Trump yafashe iya mbere mu kurwanya abimukira baja muri Amerika, na bamwe mu bamaze gushikayo akabirukana. None Kleinhaus yoba afise amakenga ku ngaruka uko guhabwa ubungiro muri Amerika bishobora kumugirako, we n'abo bajanye?
'' Abantu ntibibaze ko ari ukubitomboreramwo gusa,'' niko avuga. ''Twaje ngaha kugira hagire ico duterera mu gihugu.
''Nta makenga mfise ko bitazokunda kuko nemera ko ari integuro y'Imana kuri jewe.
''Ubuzima bwanje buri mu biganza vyayo. Iyo itaba yashatse ko nza ngaha, sinari kuba ndi ngaha.''














