'Abo muri Afrika y'Epfo bimukira muri Amerika ni 'ibinyaganwanka' – perezida Ramaphosa

Ahavuye isanamu, Reuters
- Umwanditsi, Wycliffe Muia
- Igikorwa, BBC News
Perezida Cyril Ramaphosa yise abanya-Afrika y'Epfo bimukiye muri Leta zunze Ubumwe za Amerika kubayo, ko ari 'ibinyaganwanka', aho yavuze ko "bazogaruka vuba".
Umugwi w'aba Afrikaners bashitse muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika ku munsi wa mbere, inyuma y'aho perezida Donald Trump abahereye uburenganzira bwo kuhimukira nk'impunzi, amaze kuvuga ko bariko barakorerwa ivangura rifatiye ku rukoba.
Ariko Ramaphosa yavuze ko abashaka kuva mu gihugu ari abatanezerewe no kubona ikibazo c' ubusumbane mu mibereho casizwe na kahise k'intwaro ya apartheid kiriko kirarondererwa inyishu, avuga ko kwimurwa kwabo ko ari "ibihe bibabaje kuri bo".
Yagize ati: "Nk'abanya-Afrika y'Epfo, turazi kwihangana. Ntiduhunga ingorane zacu. Dutegerezwa kuguma hano tukazitorera inyishu. Iyo wirutse uba uri ikinyaganwanka, kandi ico ni igikorwa c'ubugwari koko ."
Trump na somambike wiwe, uwavukiye muri Afrika y'Epfo Elon Musk, bavuze ko hariko haraba jenoside[ihonyabwoko] y'abarimyi b'abazungu muri Afrika y'Epfo, ikintu benshi biyamirije.
Leta Zunze Ubumwe za Amerika zagirije kandi leta ya Afrika y'Epfo gufata ubutaka bw'abazungu itabahaye umuzibukiro.
Harashize imyaka irenga 30 inyuma y'aho ubutegetsi bwa ba nyamuke b'abazungu burangiriye, ariko gushika ubu ni agace gato cane k'abirabure bafise uburenganzira ku butaka, aho igice kinini kiri mu minwe y'abazungu, ibi bigatera agashavu ababona ko guhindura ibintu bigenda bigurintege.
Mu kwezi kwa Nzero(1), perezida Ramaphosa yashize umukono kw'itegeko ryemerera leta gufata ubutaka bw'abantu ku giti cabo, itarinze kubaha umuzibukiro mu bihe bimwe bimwe, mu gihe bibonwa ko "bibereye kandi biri mu nyungu rusangi"
Ariko leta ivuga ko ata muntu n'umwe arakwa itongo hisunzwe iryo tegeko.
Trump yemeye kwimura aba Afrikaners, abazungu bo muri Afrika y'Epfo bamuka muri Hollande (bagiye kuba muri Afrika y'Epfo mu kinjana ca 17), aho yavuze ko bahunze "ibihe bibi biteye akoba" muri Afrika y'Epfo.
Mw'ijambo yashikirije ku munsi wa mbere, mw'ihayanishwa-gurisha ryabereye mu ntara ya Free State, Ramaphosa yavuze ko aba Afrikaners bariko bimukira muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika kubera bataguwe neza n'utwigoro two gutorera umuti ibibazo biri mu gihugu.
Yagize ati: "Iyo uravye imigwi yose yo mu gihugu cacu, abirabure n'abazungu, bagumye muri iki gihugu kuko ari igihugu cacu, kandi ntidukwiye kwiruka duhunga ibibazo. Tubwiirizwa kuguma hano tukabitorera inyishu".
"Ndabasezeraniye (nshopbora no gutigira) ko bazogaruka vuba kuko ata gihugu ciza gisumba Afrika y'Epfo."
Amajambo yiwe yo kubita "ibinyaganwanka" yarababaje bamwe mu bakoresha imbuga hwaniro, bavyiyamirije bavuga ko ari igitutsi ku bazungu bo muri Afrika y'Epfo basanzwe mu kababaro y'uko bareganijwe.
Abo mu mugwi wa mbere w'aba Afrikaners washitse wakirwa muri Amerika n'abategetsi bemeje ko bari bamaze igihe "babayeho munsi y'igitutu c'ubugizi bwa nabi n'iterabwoba" muri Afrika y'Epfo.
Icegera c'umushikiranganji w'imigenderanire Chris Landau yababwiye ati: "Ikaze ku butaka bw'abidegemvya", igihe yabakira ku kibuga c'indege ca Dulles impande ya Washington DC ku munsi wa mbere.
Bamwe muri bo bari bafise abana bakiri bato, bazungagiza amabendera ya Amerika, bakakirirwa mu kibanza cari gitatswe n'ibipurizo (ballons) vy'amabara arimwo iritukura, iryera n' iryo ubururu ku mpome.
Kare ku munsi wa mbere, perezida Ramaphosa yari yabwiye abari mu nama ihuza abayobozi nshingwabikorwa bo ku mugabane wa Afrika yabereye Abidjan muri Cote d'Ivoire ko yaheruka kubwira Trump mu kiganiro bagiranye kuri terefone, ko uko Amerika yafashe ibiriko biraba muri Afrika y'Epfo "ata kuri kurimwo na mba."
Yagize ati: " Ni twe gihugu conyene ku mugabane abakoloni baje kuguma iwacu kandi ntitwigeze tubirukana mu gihugu", aranahakana ko aba Afrikaners bariko baratotezwa.
Ramaphosa yavuze ko abaharurwa mu mirongo bo muri Afrika y'Epfo bashitse muri Amerika ku munsi wa mbere, 'badakwiriye kwitwa" impunzi.
Uravye uko ubuserukizi bwa Amerika muri Afrika y'epfo bubivuga, kugirango umuntu ahabwe ubuhungiro yimurirwe muri Amerika, abwirizwa kuba:
- Ari umunya Afrika y'Epfo
- Ari umu Afrikaner canke ari muri ba nyamuke
- Ashobora kuvuga n'imiburiburi igihe yoba yaratotejwe muri kahise, canke nimba atinya gutotezwa mu bihe biri imbere.
Uwu mukuru w'igihugu wa Afrika y'Epfo yavuze ko yiteguye guhura na mugenzi we wa Leta Zunze Ubumwe za Amerika kuri ico kibazo.
Trump yari yakangishije ko azoreka kwitaba inama y'abakuru b'ibihugu 20 vya mbere bitunze cane kw'isi G20 muri Afrika y'Epfo kiretse "ikibazo kihari citwararitswe."













