Jurgen Klopp avuga ko "ata bugenzi" Salah aza kugira bahura na Roma

Umumenyereza wa Liverpool Jurgen Klopp avuga ko "ata bugenzi" Mohamed Salah aza kwerekana bahura n'umugwi yahoramwo wa Roma mu rukino rwa mbere rw'ice ca kabiri ca Champions League.

Salah yinjirije uwo mugwi wo mu Butaliyano ibitsindo 34 ku nkino 83, imbere yuko aja muri Liverpool mu ci riheze ku miliyoni 34 z'amapawundi.

Urukino rwo ku munsi wa kabiri ruzoba rubaye urwa mbere uwo mukinyi aturuka mu misiri akinye, ahura n'abo bahora bakinana.

"Ubu bwa vuba Mo araza kumenya ko batagikinana," niko Klopp yavuze.

"Abakinyi b'inyuma bo mu Butaliyano barazwi ko ata bugenzi bagira mu nkino - ariko arashobora gusatira nkuko bivugwa mu mupira w'amaguru."

Salah amaze kwinjiza ibitsindo 41 mu nkino 46 za Liverpool.

Ku munsi wa Mungu yagenywe ka mukinyi wa mbere mwiza n'ishirahamwe ry'abakina umupira w'amaguru, "Professional Footballers' Association".

Umugwi wa Liverpool umaze gutwara gatanu igikombe ca Champions League, uzoba uriko urahiga gukina urukino rwa nyuma "finale" ubwa mbere kuva mu 2007.

Liverpool yatsinze abatwaye igikombe ca Premier League, Manchester City 5-1 ku nkino zose, nayo Roma ikuramwo umugwi ukomeye Barcelone wo muri Espagne.