Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Jurgen Klopp "arakunda ibitsindo" vya Salah
Umumenyereza wa Liverpool Jurgen Klopp yavuze ko "akunda ibitsindo" vya Mohamed Salah inyuma yaho Liverpool itsindiye Newcastle (2-0) ikaguma mu migwi ine ya mbere.
Hasigaye iminota itanu ngo igice ca mbere kirangire, Alex Oxlade-Chamberlain yahereje ipasi Salah yaciye yinjiza igitsindo ca 24 mw'ihiganwa rya Premier League ry'uno mwaka.
Igitsindo ca kabiri cinjijwe na Sadio Mané ku munota wa 55 mu gice ca kabiri, aherejwe na Roberto Firmino.
Umumenyereza Klopp yavuze ko akunda ingene Salah akina:
"Ndakunda ibitsindo yinjiza, ndakunda ingene ahererekana umupira. Ndakunda uwo mukinyi, " niko yavuze kuri Salah.
"Avyifatamwo neza cane, ariko n'abandi bakinyi bahambaye nkawe kandi arabizi."