Ukwikwega, icizere gike, n'ibiciro bihindagurika - Mbega Igikombe c'Isi kizotanga ikaze?

Fifa yemereye abafana ko ihiganwa ry'igikombe c'isi yose rya 2026 rizoba ryiza ku rugero rutari bwigere rubaho, none koko niko bizogenda ?

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Fifa yemereye abafana ko ihiganwa ry'igikombe c'isi yose rya 2026 rizoba ryiza ku rugero rutari bwigere rubaho, none koko niko bizogenda ?
    • Umwanditsi, Daniel Austin
    • Igikorwa, Umunyamakuru wa BBC Sport

Umukuru w'ishirahamwe mpuzakamungu FIFA rijejwe umupira w'amaguru kw'isi, Gianni Infantino abandanya ashimangira ko ihiganwa ry'igikombe c'isi yose ry'abagabo ritegekanijwe mu ci ry'umwaka uza "rizokwakira abantu bose", ihiganwa ahanini rizobera muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika, ariko inkino zimwe zimwe zikazobera muri Canada na Mexique.

Agira ati: "Tuzozana isi yose muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika. Isi yose irakunda Amerika, nubwo bamwe boba bavuga bavuga ibindi".

Ariko uko iri higanwa ritera ryegereza, niko abantu babandanya bibaza nimba koko Amerika izokwakira abantu bose nk'uko Infantino abishimangira.

Mu gihe imishamirano ya poritike igenda yiyongera, Perezida Donald Trump akaba ariko arungika ingabo z'igihugu mu bisagara bikomakomeye, hamwe n'amategeko ruhasha ajanye no gutuza abimukira, iki gihugu nyamukuru kizokwakira iri higanwa kirangwamwo amacakubiri n'umutekano muke.

Mu gihe amatike yatanguye kugurishwa abafana nabo bakaba bariko bategura ingendo zabo, BBC Sports, igisata ca BBC kijejwe amakuru y'inkino, irihweza bimwe mu bibazo biteje impungenge.

Iduga ry'ibiciro vy'amatike riranegurwa

Mu ndwi iheze, amatike ya mbere yaratanguye kugurishwa, aho abafana barenga imiriyoni zine binjiye muri tombora mu kurondera amahirwe yo kugura itike.

Ubwo nyene, uburyo Fifa yakoresheje mu gushinga ibiciro bwatumye abantu benshi bayinuba.

Fifa ntirashira ahabona urutonde rw'ibiciro vy'amatike, ariko biriko birashirwa ahabona ku mbuga ngurukanabumenyi n'abafana bashoboye kuronka amahirwe yo kuyagura inyuma y'amasaha atari make bamaze barindiriye ku mbuga hwaniro mu ndwi iheze.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Aya matike ariko ashirwa mu mice ine, aho ay'urukino rwa mbere muri Amerika agurwa amadorari y'Abanyamerika ($) ari hagati ya 560 na 2.235. Mu gikombe c'isi yose giheruka cabereye muri Qatar, urukino rwo kwugurura ihiganwa rwagurwa hagati ya 55$ na 618$.

Itike ya mbere izimbutse ku rukino rwa nyuma igurwa 2.030$, iya mbere izimvye nayo ikagurwa 6.000$. Amatike y'abanyacubahiro ntaratangura kugurishwa, ariko vyitezwe ko azoba ari ku giciro co hejuru cane.

"Amatike amwe amwe y'inkino zo mu ntango y'ihiganwa – mu bibanza bimwe bimwe bitari ku rugero rwo hejuru cane - agurishwa ku madolari 60. Ariko, amakarata yerekana uko ibibuga bimeze yerekana ko ayo matike azimbutse ari make cane ugereranije n'ibibanza vyose bihari.

N'ikinyamakuru c'inkino The Athletic na co nyene candika ko FIFA nayo nyene izotoza 15% ku baguzi n'abagurisha amatike agurishijwe ubwa kabiri biciye ku rubuga rwayo rwemewe.

Fifa ntiyishuye ibibazo yabajijwe na BBC.

Thomas Concannon arongoye ishirahamwe ryo mu Bwongereza Football Supporters Association's England Fans' Embassy rifasha abashaka kuja kurorera inkino zibera hanze, agira ati: "Ibi biciro biratangaje - 2.030$ kw'itike yitwa ko izimbutse kuri finale nta wovyemera.

"Mu gihe abafana boronka amahirwe yo kuronka imwe muri aya matike yo mu mice ine kuva ku rukino rwa mbere gushika ku rwa nyuma, bashobora kwisanga barishe nibura 3.180$. Aya ni incuro zirenga zibiri ku giciro ca Qatar.

"Ushizemwo ingendo n'uburaro, iki kizoba ari igikombe c'isi yose ca mbere kizimvye kuruta ibindi vyose ku bafana basanzwe bitabira izi nkino".

Fifa iriko kandi ishinga ibiciro bigenda bihindagurika muri iri higanwa, ibi bigasigura ko ibiciro vy'amatike y'inkino zizoba zihurumbirwa cane bishobora kuduzwa cane ku bazozigura mu nyuma.

Ubu buryo bushobora kworohera Abanyamerika ariko bukazibira abafana bava mu bindi bihugu.

Scott Friedman, yatanguje ishirahamwe Ticket Talk Network muri Amerika, agira ati: "Ihindagurika ry'ibiciro ni ikintu kimaze imyaka irenga cumi. Kuri Fifa, ni ikibazo c'abashobora kugura ano matike, yoyo iriko igerageza kurondera kwunguka vyinshi bishoboka.

Ubu buryo bworohereza Abanyamerika kuko kumbure bashobora kugura amatike y'inkino zititabirwa n'abantu benshi ku giciro kiri hasi cane ugereranije n'ico yagurishwako ubwa mbere, mu masaha 48 imbere y'uko urukino rutangura.

"Nta bantu vy'ukuri bashobora kuva hanze ngo baze gukora gutyo. Ubwo buryo ni akarenganyo ku bava mu bindi bihugu bashobora kwisanga bataramuwe".

Ikibuga ca MetLife gishobora kwakira abantu 82.500 kiri i Rutherford, muri  New Jersey, ni co kizokwakira finale y'igikombe c'isi yose ca 2026

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Ikibuga ca MetLife gishobora kwakira abantu 82.500 kiri i Rutherford, muri New Jersey, ni co kizokwakira finale y'igikombe c'isi yose ca 2026

Ukwikwega mu gutanga Visa bitera impungenge

Mu kiringo ciwe ca mbere, ari naho FIFA yemera ko igikombe c'isi yose kizobera muri Amerika, Trump yateye igikumu ku rwandiko rwashimangira ko "abakinyi bose, abategetsi n'abafana bose bava mu bihugu vyose vyo kw'isi bazoshobora kwinjira muri Amerika ata kuvangura".

Bamwe mu bafana, harimwo abava mu Bwongereza no mu Bumwe bwa Bulaya, bazoshobora kuja kurorera igikombe c'isi batarishe visa. Ibi ni kubera ibihugu 42 biri mu mugambi wa Amerika wiswe Visa Waiver Program, ibi bigasigura ko abafana bazoba bakeneye gusa gusaba kwinjira baciye mu kizwi nka Electronic System for Travel Authorisation, aho umuntu ashobora kwemererwa canke guhakanirwa mu masaha 72.

Ariko abandi bava mu bindi bihugu vyinshi, harimwo ivyo muri Aziya, Afrika na Amerika y'ubumanuko – harimwo mbere n'ivyamaze kuronka itike yo kuja guhiganwa mu gikombe c'isi yose canke vyiteze kuyironka - bategerezwa gusaba visa.

Mu gihe Uburusiya na Qatar vyari vyashizeho uburyo bwihuta bwo kworohereza abasaba visa mu mahiganwa abiri y'igikombe c'isi aheruka, Amerika ntirabikora.

Abafana barondera kurorera inkino bategerezwa guca mu nzira imwe n'abandi barondera visa zisanzwe za Amerika, ibi bigashobora kubatuma bataronswa izi visa yabo ku gihe kugira ngo bashobore kurorera iri higanwa.

Abasaba visa za Amerika nibura bategerezwa kwitaba ibibazo babazwa amaso mu yandi ku buserukizi bwa Amerika, ubutegetsi bwa Trump bukaba bwarahaye ububasha bwinshi bwo kugenzura imbuga hwaniro z'abasaba izi visa hamwe n'ivyo bagiye bavuga ku mugaragaro.

Uko ibintu bimeze, ku bihugu bimwe bimwe, abasaba visa zisanzwe bashobora kurindira ikiringo kirenza umwaka kugira ngo bashobore kwitaba ku buserukizi kugira babazwe.

Mu ndwi iheze, ubushikiranganji bwa Amerika bujejwe imigenderanire bwatangaje ko buzokwongereza abakozi ku biro vy'ubuserukizi bimwe bimwe kugira ngo bagerageze kunyarutsa mu kwiga ku basaba visa, ariko gushika ubu ntiburamenyesha ivyo bihugu canke igitigri c'abakozi bazokwongerezwa.

Travis Murphy, yahoze akora muri ubwo bushikiranganji akaba yatanguje ikigo Jetr Global Sports gifasha abanonotsi mpuzamakungu kuronka visa za Amerika, agira ati: "Haracasigaye igihe kugira ngo twitegurire kwakira isi.

"Ubutegetsi buhari ntibuhengeshanya kuvuga ibijanye no kugabanya ingendo mpuzamakungu no gushiraho inzitizi ku bihugu bimwe bimwe kugira ngo ntivyoroherwe.

"Ivyerekeye visa muri Amerika biramaze imyaka mirongo birimwo igipfungu. Amategeko mu vy'ukuri ntiyahindutse cane - ingene amategeko amwe amwe akurikizwa cane ni co mu vy'ukuri [gihambaye] hano.

"Hariho kandi iki kintu c'uko kumbure abantu badahabwa ikaze hano canke bakumva ko badatekaniwe. Nibaza ko ibi atari vyo, ariko ndashobora gutahura igituma abanyamahanga bashobora kwiyumvira gutyo.

"Ari nka hamwe tutovyitwaramwo neza muri iri higanwa, dushobora gucafuza izina ryacu tukanakataza amahirwe yo kuzokwakira amahiganwa nk'aya muri kazoza".

Ingene ibintu bimeze ubu, umuntu arindiriye kwumvirizwa muri Colombia kugira ngo yemererwe canke ahakanirwe visa ashobora kurindira amezi 15

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Ingene ibintu bimeze ubu, umuntu arindiriye kwumvirizwa muri Colombia kugira ngo yemererwe canke ahakanirwe visa ashobora kurindira amezi 15

Ubugizi bwa nabi butuma abantu binengesera

Haramaze igihe hibonekeza urukurikirane rw'ubwicanyi bushingiye kuri poritike gushika ubu muri Amerika, mu gihe mu mwaka wa 2024 haharuwe ubwicanyi bw'ikivunga bushika 500.

Abirukanwa n'igisata kijejwe abinjira n'abasohoka kw'itegeko rya Trump bariyongereye, mu gihe yarungitse ingabo z'igihugu mu bisagara birongowe n'abo mu mugambwe w'aba-Demokarate, harimwo na Los Angeles izokwakira inkino umunani.

Irungikwa ry'abakozi b'igisata kijejwe abinjira n'abasohoka be n'ingabo z'igihugu ryateje imyiyerekano ikomeye mu bisagara bimwe bimwe vy'uturere tuterekwa izo ngingo, Trump akaba yagabishije ko ashobora gutegeka ko izo nkino zishobora kwimurwa zikavanwa mu bisagara vyoboneka ko "bidatekanye".

Daniel Byman, arongoye igisata gikurikirana ivy'intambara n'iterabwoba (Warfare, Irregular Threats, and Terrorism Program) mu kigo c'abahinga, Center for Strategic and International Studies, agira ati: "Nta nkeka ko ivangura rikaze cane muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika. Ku bibazo bitandukanye, bivanye n'umusi, umukuru w'igihugu canke bamwe mu bantu biwe bariko bashira imbere umugambi wo gucanishamwo. Hari uburakari bwinshi".

"Ku ntwaro ya Trump, hari inyishu nyinshi zivuga ngo 'nta vyo tuzi' ku bibazo bijanye n'umutekano, kubera ko ata makuru menshi bafise ku bijanye n'amahiganwa akomeye.

"Amashirahamwe atari make ya reta ariko arasenyuka buke buke - amafaranga agenewe igisata c'umutekano hamwe n'aya FBI akaba yaragabanijwe. Ibi biriko bituma, hejuru y'ubuzima bw'abantu butakara kubera iyi ngingo, izi nzego kandi zitakaza abafise ubumenyi".

"Hari abantu benshi bashobora guteza ingorane n'akaga. Kandi muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika biroroshe kuronka ibirwanisho bicira umuriro, ibitandukanye no mu bindi bihugu bitari bike".

Imyiyerekano yo kwiyamiriza iyirukanwa ku nguvu ry'abimukira muri Los Angeles yamenyerewe cane muri uno mwaka

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Imyiyerekano yo kwiyamiriza iyirukanwa ku nguvu ry'abimukira muri Los Angeles yamenyerewe cane muri uno mwaka