Menya uru ruganda rwo mw'ibanga rwa misire ziraswa kure mu twigoro twa Ukraine two kwiyubaka gisirikare

Abagabo babiri bariko bubaka misire nshasha ya Flamingo

Ahavuye isanamu, Moose Campbell/BBC

Insiguro y'isanamu, Igisasu ca misire Flamingo ni igisasu gishasha ca Ukraine kiraswa kure, kigenewe kuraswa imbere cane ku bukata bw'Uburusiya, gushika ku ntera y'ibirometero bishika 3000
    • Umwanditsi, Jonathan Beale
    • Igikorwa, Umunyamakuru mu vyo kwivuna abansi i Kyiv

Babanje kutwambika ibitambara vyo kutuzibira mu maso hanyuma dutwarwa mu kigo c'ibanga Ukraine iriko ihinguriramwo ibirwanisho vyayo vya none.

Twategetswe kuzimya amaterefone – ni bwo buryo bwo gukorera mw'ibanga muri uru ruganda ruriko ruhingura ibisasu vya misire vya Ukraine, bizwi nka Flamingo.

Kuri Ukraine, kunyanyagiza no kunyegeza izi nganda zihingura ibirwanisho, ni ikintu nyamukuru kugira ishobore kubandanya ibaho. Inganda zibiri z'ikompanyi Fire Point zibihingura ziramaze kuraswa.

Hagati muri uru ruganda twagendeye twategetswe kudafata amashusho y'ikintu na kimwe kiruranga harimwo inkingi, amadirisha canke ibisenge. Twategetswe kandi kuterekana amasura y'abakorayo.

Nubwo ikubitwa urutavanako, Ukraine iriko yongereza inganda zayo zihingura ibirwanisho. Perezida Volodymyr Zelensky avuga ko igihugu ubu cihingurira ibirenga 50% vy'ibirwanisho ikoresha ku rubuga rw'intambara. Ibisasu hafi vyose biraswa kure bihingurirwa mu gihugu.

Igihe intambara yatangura, Ukraine yagendera ahanini ku birwanisho vya kera vyo mu gihe c'ubutegetsi bw'Abasoviyeti. Imfashanyo ya gisirikare yahabwa n'ibihugu vy'uburengero yayifashije gushira ku gihe igisirikare cayo, ariko ubu niyo ifata iya mbere kw'isi yose mu guhingura ibikoresho bidakoreshwa n'umuntu – nk'amarobo n'indege zitajamwo abadereva.

Ubu, ibisasu vya misirie biraswa kure bihingurirwa mu gihugu biriko biha Ukraine ubushobozi bwo kurasa kure.

Igisasu ca misire ya Flamingo kikiri mu ruganda i Kyiv

Ahavuye isanamu, Moose Campbell/BBC

Insiguro y'isanamu, Ukraine ihingura amamisire mu nganda zo mw'ibanga - abanyamakuru ba BBC babanje kubohwa mu maso mu gushikanwayo

Iryna Terekh arongoye igisata c'ubuhinga muri Fire Point – rumwe mu nganda nini za Ukraine zihingura amadrone n'ibisasu vya misire ahari icivugo co mu rurimi rw'Ikiratini gisigura ngo "none atari twebwe, yoba nde".

Uno mugore w'imyaka 33 yize ibijanye n'ubwubatsi, ariko ubu ariko agerageza gufasha gusambura ibirwanisho vy'Uburusiya buriko bukoresha mu ntambara.

Irena Terekh wo muri Fire Point afise imishatsi miremire yirabura

Ahavuye isanamu, Moose Campbell/BBC

Insiguro y'isanamu, Irena Terekh wo mw'ikompanyi Fire Point avuga ko misire ya Flamingo yirabura kubera "irya igitoro c'Uburusiya"
Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Flamingo ni ubwoko bw'ibisasu bishobora kurasa gushika imbere mu Burusiya ibihugu vy'uburengero vyagumye bidashaka guha Ukraine.

Bivugwa ko iki gisasu ca misire gishobora gushika ku ntera y'ibirometero 3000. Ni co kimwe n'igisasu ca Amerika co mu bwoko bwa Tomahawk – ikirwanisho gikozwe mu buhinga bwo hejuru kandi kizimvye Perezida Donald Trump wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika yanse guha Ukraine.

Ariko ibitero vy'imbere cane hagati mu Burusiya bifatwa ko ari ikintu gikomeye cane muri iyi ntambara, aho Ukraine ikoresha cane cane amadrone ashobora gushika kure. Iracabandanya itakaza ubutaka ku rwasiro rufise uburebure bw'ibirometero birenga 1000. Rero, Ukraine iriko yongereza akariro mu kugerageza gutera ibibanza vy'ubutunzi biha Uburusiya ububasha bwo kubandanya intambara, mu ntumbero yo kurondera kugabanya umurindi wabwo.

Umukuru w'igisirikare ca Ukraine, Jenerali Oleksandr Syrskyi, avuga ko ibitero bishika kure bimaze gutuma Uburusiya butakaza imiriyaridi zirenga 21.5 z'amadorari y'Abanyamerika uno mwaka.

Ruslan, umusirikare wo mu ngabo za Ukraine zijejwe ibikorwa bidasanzwe vya gisirikare, avuga ko ari umukenyuro usanzwe: "Kugabanya ubushobozi bwa gisirikare bw'umwansi hamwe n'inguvu ziwe mu vy'ubutunzi".

Avuga ko ingabo za Ukraine zijejwe ibikorwa bidasanzwe vya gisirikare zimaze gukora amajana n'amajana y'ibitero ku bigo bihingura igitoro, inganda z'ibirwanisho n'amasasu – imbere cane ku butaka bw'umwansi.

Ariko kandi n'Uburusiya na bwo nyene bukora nk'ibi nyene, kandi bwobwo ku rugero runini cane. Burekura amadrone yo mu bwoko bwa Shahed nibura 200 ku musi; mu kwishura Ukraine irungika nk'inusu y'izi.

Eka n' Uburusiya ntibutera ibibanza vya gisirikare vyonyene. Ibisasu vya misire biraswa kure hamwe n'ibitero vy'amadrone birakunze guteza ikizime, bigateza ingorane amamiriyoni y'abasivire. "Nipfuza kurekura amadrone menshi nk'ayo Uburusiya burungika", ni ko Ruslan avuga. "Ariko ntaco turiko turayongereza ningoga na ningoga".

Terekh wo muri iyi kompanyi ya Fire Point avuga ko Ukraine ishobora kumbure kutazonganya n'Uburusiya, ariko agira ati: " Turiko turagerageza kurwana dukoresheje ubwenge n'amayeri y'intambara".

Denys Shtilerman ari mu batanguje iyi kompanyi aremera ko ata kirwanyo gishobora gukora ibitangaza kihari.

Ati: "Ikiriho gusa ni uko dufise ishaka ryo gutsinda".

Ruslan, wo mu ngabo za Ukraine zijejwe ibikorwa bidasanzwe vya gisirikare yambaye inkofero n'igitambara co kwiyoberanya mu cumba c'umwiza, yambaye kandi n'umupira wirabura

Ahavuye isanamu, Kevin McGregor/BBC

Insiguro y'isanamu, Ruslan, wo mu ngabo za Ukraine zijejwe ibikorwa bidasanzwe vya gisirikare, avuga ko bariko barongereza ibirwanisho bihingurira bo nyene hagati mu gihugu

Fire Point mbere nta n'uko yari ihari imbere yuko Uburusiya butanguza intambara yeruye. Ariko iyi kompanyi nubwo ari ho igitangura, ihingura amadrone 200 ku musi ubu. Amadrone yayo yo mu bwoko bwa FP1 na FP2, imwe imwe ingana n'akadege gatoya, amaze gukora 60% vy'ibitero vya Ukraine bishika kure. Imw'imwe igurwa amadorari ibihumbi 50 (50.000$) - ica gatatu c'igiciro ca Shahed y'Uburusiya. Uburusiya buracahingura hafi 3000 ku kwezi.

Ukraine iracakeneye ubufasha buva hanze, cane cane mu bijanye n'igendereza, ubuhinga bwo gutumbereza, hamwe n'amafaranga. Ariko iriko iragerageza kwikwiza.

Terekh avuga ko bafashe ingingo yo kwikora ku buryo bushoboka bwo kuronka ibikoresho vyinshi bishoboka hagati muri Ukraine.

Agira ati: "Tugendera ku ngingo ngenderwako ko ata n'umwe ashobora kudutegeka ibirwanisho duhingura". Baririnda gukoresha ibikoresho biva mu bihugu bibiri - Ubushinwa na Reta Zunze Ubumwe za Amerika.

Abajijwe igituma badashaka gukoresha ibikoresho vya Amerika, yishuye ati: "Ubu turi mu bucuti mahindagu na Amerika. Ejo hashobora kuza uwushaka kubihagarika, aho ntitwoba tugishoboye gukoresha ibirwanisho vyacu bwite".

Drone ifise ibara ry'umunyota, isa n'indege ntoya, ihagaze ku rubaho

Ahavuye isanamu, Matthew Goddard/BBC

Insiguro y'isanamu, Fire Point ubu ihingura amadrone 200 ku musi

Gushika mu mpera z'umwaka uheze, ku butegetsi bwa Perezida Joe Biden, Amerika yari imaze gutanga imfashanyo y'agaciro k'imiriyaridi hafi 70 z'amadorari y'Abanyamerika mu gushigikira Ukraine.

Iyi mfashanyo ntiyatevye guhagarikwa ku butegetsi bwa Trump – ahubwo akaba yashizeho integuro yemerera ibihugu vya Buraya biri mu runani OTAN/NATO rwo kwivunira umwansi hamwe kugura ibirwanisho vya Amerika.

Amerika ntikiri iya mbere iha imfashanyo ya gisirikare Ukraine, Uburaya bukaba butorohewe gukuraho iki gihengeri canke ngo bupfume bushikana urugero rw'imfashanyo Amerika yahoze iha Kyiv (ubutegetsi bwa Ukraine).

Hari impungenge ko Amerika ishobora kugabanya canke guhagarika imfashanyo yayo muri kazoza, iki kikaba gikunze kugarukwako cane mu biganiro vy'amahoro. Terekh ntiyerekwa ibi biganiro bibandanya, akabona ko ari "ibiganiro vyo kumanika amaboko", kandi ko kubona Ukraine iriko ihingura ibirwanisho vyayo ubwayo ari "bwo buryo bwonyene bwo kwikingira umwansi muri kazoza".

Uno yahoze ari umunyeshure mu bijanye n'ubwubatsi yizeye ko ibindi bihugu vya Buraya biriko birihweza kandi biharonkera icigwa.

Ati: "Twebwe turiko turabera abandi akarorero nyako, mu bijanye no kwitegurira intambara".

Terekh avuga ko ashaka kubakangura kugira bafate ingingo, kandi yemeza ko iyo haba hari ikindi gihugu ico ari co cose cashikiwe n'ubu bugome nka Ukraine, "kiba caramaze gufatwa".

Volodymyr Lozhko na Kyla Herrmannsen baraterereye muri iyi nkuru.