Cristiano Ronaldo yitavye ibirori muri White House ari kumwe n'Umuganwa wa Arabie Saoudite

Ahavuye isanamu, Reuters
- Umwanditsi, Dearbail Jordan
Umukinnyi w'umupira w'amaguru rurangiranwa Cristiano Ronaldo yitavye urubanza rwo gufungura rwo ku rwego rwo hejuru (black-tie dinner) rwabereye mu biro vya Perezida wa Amerika (White House) ku wa kabiri ku mugoroba, ari kumwe n'umuganwa samuragwa wa Arabie Saoudite.
Ivyo vyabaye mu gihe, imbere y'ivyo birori, Trump yavuze ko ari "icubahiro" kwakira Ronaldo, uwo ubuhangange bwiwe mu rukino rw'umupira wamaguru muri Saudi Arabia bwatumye aba isura y'uguhindura igihugu ku ntwaro y'umuganwa samuragwa uriho ubu.
Umuganwa samuragwa Mohammed bin Salman arashaka kugabanya ko ico gihugu coguma kigendera ku mafaranga avuye mu bitoro, agateza imbere izindi mpande nk'inkino be n'ubukerarugendo.
Umwe mu bategetsi bo muri White House yari yemeje imbere yaho ku wa kabiri ko Ronaldo azokwitaba urwo rubanza, ariko ntiyamenyesha nimba yitavye nk'umwe mu baherekeje umuganwa Mohammad bin Salman.
Abatatari bake bavuga ko ukwo gushira amafaranga mu nkino kwa Arabie Saoudite gufise intumbero yo gutuma abantu bataraba ibijanye n'agateka ka zina muntu ndetse n'ingaruka ibitoro vyayo bigira ku bidukikije. Uwo mugigwa uzwi nka 'sportswashing'.
Trump yakoresheje ijambo ryiwe muri ivyo birori ashima ukubana neza cane na Arabie Saoudite, ayita "incuti ikomeye itari muri NATO [OTAN]". Imbere yaho, Trump yari yakiriye uwo muganwa samuragwa wa Saudi Arabia mu cumba ca Oval Office co mu biro vyiwe.
Ahejeje kuvuga, yahindukiye ku mukinyi w'umupira w'amaguru w'Umu-Portugal, abwira abari aho ati: "Umuhungu wanje ni umufana akomeye wa Ronaldo."
Yongerako ati: "Kandi Barron [umwana wa Trump] barabonanye, kandi ndazi ubu arubaha se cane kubera nabahuje."
Muri ivyo birori kandi harimwo umutunzi rurangiranwa Elon Musk, ari kumwe n'abandi barongoye amashirahamwe akomeye, harimwo Tim Cook, arongoye Apple. Iyi ni yo ncuro ya mbere Musk agarutse muri White House kuva avuye mu mabanga y'igisata co guteza imbere ingene Reta ikora (Department for Government Efficiency – DOGE) muri Ndamukiza (4).
Ukudahuza hagati ya Trump na Musk, nyene kompanyi ya Tesla, kwarabonetse cane ku mugaragaro mu kiringo c'amezi menshi, gushika naho Musk amenyesha ko agiye gushinga umugambwe wiwe mushasha.
Uku kwitabira kwa Cristiano Ronaldo muri ivyo birori vya White House ni kimwe mu ngendo ziwe zike zizwi akoze muri Amerika kuva mu 2016.
Hagati y'ivyo bihe, Ronaldo yaragirijwe ugufata ku nguvu. Kathryn Mayorga yamwagirije ko yamufashe ku nguvu mu cumba c'ihoteri i Las Vegas mu 2009, ivyo Ronaldo yahakanye.
Mu itangazo yasohoye mu 2018, Ronaldo yavuze ati: "Ndahakana nivuye inyuma ivyo nagirizwa. Gufata ku nguvu ni ikibi kigayitse kinyuranye cane n'ivyo nemera."
Mu 2019, abashikirizamanza bo muri Amerika bamenyesheje ko Ronaldo atazoja mu butungane kuko ivyagiriji bitari gushobora kwemezwa.
Mu ntango z'umwaka wa 2023, Ronaldo yagiye gukinira muri Arabie Saoudite, aba ishusho ikomeye ya Saudi Pro League, shampiyona y'icicaro ca mbere muri ico gihugu, kandi aba kapiteni wa Al Nassr, umurwi w'umupira w'amaguru w'igisata c'ubutunzi ca Arabie Saoudite (PIF), ico gisata kikaba kirongowe n'umuganwa samuragwa wa Arabie Saoudite.
Mu rukino rw'umupira w'amaguru aho abakinnyi bahembwa amafaranga menshi, amasezerano Ronaldo yagiranye na Arabie Saoudite yari menshi cane ku rugero rutigeze ruboneka. Biravugwa ko yaza arahembwa imiliyoni 200 z'amadolari ku mwaka, canke, tubivuze mu yandi majambo, ko aronka amahera arenga ibihumbi amajana atanu vy'amadolari ku musi.
Muri Ruheshi (6) uno mwaka, Ronaldo yasinye ayandi masezerano y'imyaka ibiri avugwa ko angana n'imiliyoni 400 z'amadolari, aca aba umukinnyi w'umupira w'amaguru wa mbere kw'isi abaye umumiliyarideri, nk'uko ikimenyeshamakuru Bloomberg kibivuga, afise ubutunzi bushika imiliyaridi 1.4 z'amadolari.
Ni amafaranga menshi cane ku mukinyi afise imyaka 40, ariko kandi iminsi yiwe yo gukina iriko irahera.
Ariko, nk'uko Sanam Vakil, umuyobozi w'ishami riraba ibijanye nibihugu vy'Abarabu na America y'ubuseruko mu kigo c'ubushakashatsi ca Chatham House co mu Bwongereza abivuga, Arabie Saoudite yashize amafaranga menshi mu bikorwa bikomeye vy'inkino no gukorana n'abantu bazwi cane kugira iduze ishusho y'ico gihugu ufatiye ku nkino n'ubukerarugendo.
Ronaldo yigeze kuvuga ko umuganwa samuragwa Mohammed bin Salman ari "umukoresha [boss] wacu", mu kiganiro yakoranye n'umunyamakuru w'Umwongereza Piers Morgan.
Mu kwezi guheze, yarabonetse mu bikorwa vy'ubushikiranganji bujejwe ubukerarugendo i Riyadh, aho yashimagije imigambi y'iterambere ya muri Arabie Saoudite, ashira imbere n'ivyipfuzo vyiwe ko Igikombe c'Isi ca FIFA co mu 2034 cobera muri ico gihugu.
Ku bijanye no guhura na Trump, Vakil avuga ati: "Umukuru w'Amerika akunda ibintu biyagayaga, kandi Ronaldo ni ikintu kiyagayaga."













