Umushikiranganji w’ikigega wa Afrika y’Epfo asaba ko urucuruza rw’urumogi rwemerwa n’amategeko

Mu bihugu vyinshi vya Afrika, urumogi ntirwemewe n'amategeko

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Mu bihugu vyinshi vya Afrika, urumogi ntirwemewe n'amategeko

Umushikiranganji w'ikigega ca leta ya Afrika y'Epfo, Tito Mboweni, asaba leta y'ico gihugu ko urucuruza rw'urumogi rwemerwa n'amategeko kugira ngo amakori yiyongere.

Yatangaje ivyo aciye ku rubuga rwiwe rwa Twitter, aho yamenyesheje ko ico kibazo azogishikiriza mu nama y'abashikiranganji.

Kuri urwo rubuga rwiwe, yashizeko n'isanamu yerekana ingene ico giterwa gitera gikura.

Tambuka X ubutumwa
Uremeye ibiri kuri X?

Iyi nkuru irimwo ivyatanzwe na X. Dukeneye uruhusha rwawe imbere yuko bigushikira, kuko birashobora kuba bikoresha cookies hamwe n'ubundi buhinga. Wobanza ugasoma aha X amategeko agenga cookie n'ayagenga ubuzima bwite imbere yuko wemera. Kugira ubibone hitamwo 'emera hanyuma ubandanye'.

Uragaba: Ibitangwa n'izindi mbuga bishobora kubamwo gutangaza

Impera ya X ubutumwa

Amategeko ya Afrika y'Epfo yari asanzwe avuga ko ukugurisha urumogi, uko rwoba rungana kwose biteye kubiri n'amategeko.

Hagati aho, mu mwaka wa 2017, ico gihugu caremereye abantu gukoresha urumogi mu mihana iwabo, ariko nticarekuye kururima canke kurugurisha.

Mu bihugu vyinshi vya Afrika, harimwo n'u Burundi n'u Rwanda, kurima, gukoresha canke kudandaza urumogi ntivyemewe n'amategeko kubera rufatwa nk'ikiyayuramutwe.

Hagati aho, hari ibihugu bimwe bimwe birukoresha ku rugero runini.

Muri ivyo harimwo igihugu ca Lesotho gisanzwe gikikujwe na Afrika y'Epfo, aho urumogi rurimwa ku rugero runini cane, rukaba rwemewe mu vyo ubuvuzi gusa.

Mu myaka ya 2000, amakuru yavuga ko ibice 70% vy'urumogi rwagurishwa muri Afrika y'Epfo rwava muri ico gihugu ca Lesotho.

Abarimyi bo mu gihugu ca Lesotho basanzwe barima urumogi mu ntumbero yo kurukoresha mu mihana iwabo, hamwe no kurugurisha hanze kubera ubukene basanzwe babamwo.

Usanga abanyagihugu bato bato barima urumogi bakarurimana n'ibindi biterwa nk'ibigori kugira ngo barushore muri Afrika y'Epfo.

Igihugu ca Zimbabwe naco nyene giherutse kwemera ko urumogi rushobora kurimwa rukimburwa muri ico gihugu, ni inyuma y'aho cemereye ikoreshwa ryarwo muvyo ubuvuzi n'ubushakashatsi mu 2018.

Zambia yoyo iherutse gutangaza ko ubu vyemewe n'amategeko gutunganya urumogi no kururungika mu mahanga ku mpamvu z'urudandaza n'ubuvuzi.

Leya y'ico gihugu yafashe ico cemezo mu nama yayo yabaye ku wa 04 z'ukwa 12 kw'umwaka uheze nk'uko vyatangajwe na Dora Siliya avugira leta.

Ikindi gihugu gikoresha urumogi ku rugero runini cane ni Korea y'Uburaruko, aho mbere n'amashirahamwe ya reta aja kurugurisha mu bindi bihugu kugira baronke amahera y'agaciro.

Abashakashatsi bavuga ko bitazwi neza ko hoba hariho amategeko abuza ikoreshwa ry'urumogi, kandi ico gihugu ntikibona ko ikoreshwa ry'urumogi ari ukurenga ku mategeko.