Umugore yikanguye asanga ari mu mwiza, wenyene mu ndege Air Canada

Ahavuye isanamu, Getty Images
Hari umugore avuga ko yikanguye asanga asigaye wenyene mu ndege ya Air Canada, inyuma y'aho afatiwe n'agatiro.
Tiffani Adams avuga ko ako gatiro kamufashe ari muri iyo ndege yariko iva mu gisagara ca Quebec ija muri Toronto, ni muri ico gihugu nyene, ku wa 09 z'uku kwa gatandatu.
Yikanguye, yasanze yakonje kandi yiboshe mu ntebe yari yicayemwo, ariko indege yoyo yahagaze kandi ari mu mwiza mwinshi kuko indege yari yahgaze abantu bose bayivuyemo.
Avuga ko kuva ico gihe yama arota "amarushwa yabonye muri iryo joro" .
Air Canada iremeza ko ivyo vyabaye kandi ko iriko ikora amatohoza.
Aciye ku rubuga rwa Facebook, Adams yavuze ati "navyutse hafi isaha zitandatu z'ijoro (haciye amasaha make iyo ndege ihagaze), nakonje kandi ngipfunze umukanda mu ntebe nari nicayemwo kandi mu mwiza".
Avuga ko ivyamushikiye vyari "biteye ubwoba".
Adams yarashoboye guhamagara mugenziwe, Deanna Dale, amubwira aho yari ari, imbere y'uko telefone yiwe izima hadaciye n'umunota.
Ntiyashobora kuyishira ku muriro kuko indege yari yazimye.
Uyo mugenziwe Dale yahamagaye abarongoye ikibuga c'indege ca Toronto ababwira ivyerekeye umupfasoni Adams yari yugaraniwe mu ndege.
Ariko rero, umupfasoni Adams yashoboye gutora isitimu ahantu yari iri muri iyo ndege, ariho yagerageje kumurika kugira bashobore kumubona.
Yagiye kubonwa n'umwe mu bajejwe gupakurura imizigo yo mu ndege, avuga ko nawe nyene "yumvise ubwoba".
Umupfasoni Adams avuga ko Air Canada bamufatiye imodoka yitwa limousine n'ihoteri ariko aravyanka, avuga ko yipfuza gusubira muhira vyihuta.
Yongera ko y'uko abaserukira Air Canada bamuhamagaye incuro zibiri ku mvo z'amatohoza, bongera bamusaba imbabazi.
Air Canada iremeza ivyo umupfasoni Adams yabwiye ibinyamakuru bitandukanye, ikavuga ko iriko yihweza ingene vyagenze.










