Perezida Evariste Ndayishimiye yifatiye mu gahanga umukuru wa Parcem

Umukuru w'Uburundi mu mupira utukura afashe micro

Ahavuye isanamu, NTARE HOUSE

    • Umwanditsi, Gildas Yihundimpundu
    • Igikorwa, BBC News Gahuzamiryango i Nairobi

Perezida w'Uburundi Evariste Ndayishimiye yifatiye mu gahanga umukuru wa Parcem, ishirahamwe Parole et Actions pour le Réveil des Consciences et l'Evolution des Mentalités (PARCEM) ryiyemeje gukangurira Abarundi guhindura ivyiyumviro n'ingendo.

Imbere y'isinzi ry'abantu muri komine Matongo mu ntara nshasha ya Butanyerera, Perezida Ndayishimiye yarashitse n'aho yinjira mu buzima bwite bwa Faustin Ndikumana avuga ko ''yananiwe no kwubaka urugo rwiwe'' n'uko ''vyamunaniye no kuzana umugore''.

Umukuru w'igihugu yabivuze igihe yariko arashikiriza musitanteri (administrateur) mushasha w'iyo komine ya Matongo. Hari ku wa gatatu itariki 5 z'uku kwezi kwa Munyonyo(11).

Imubajije ico avuga ku majambo yavuzweko n'umukuru w'igihugu, Faustin Ndikumana yabwiye BBC Gahuzamiryango ati: "Singeramiye kandi sinteye ingorane igihugu."

Perezida Ndayishimiye yoba apfa iki na Ndikumana?

Ayo majambo y'umukuru w'igihugu yayavuze haheze iminsi mike Faustin Ndikumana arongoye PARCEM atanze ikiganiro ku bamenyeshamakuru, aho yagarutse ku ngorane zugarije igihugu mu bisata bitandukanye.

Yavuze izijanye n'ibiturire, intwaro ibereye, kunyonora amatungo ya reta, ibijanye n'uburimyi, n'ibindi.

Yasavye abategetsi gukorera mu muco no kwemanga ko ibintu bitameze neza, gutyo bihutire kurondera umuti urama.

Ariko kimwe mu vyo yashimikiyeko cane, ni isekeza ryo gushora ubutare budahinguye umukuru w'Uburundi amaze iminsi atanguje. Amaze kugaragara kabiri ari imbere y'amakonteneri avuga ko yuzuye amatoni y'ubutare agira ashorwe mu mahanga.

Ntihavuzwe amafaranga ubwo butare buzokwinjiriza igihugu. Ivyo biri mu vyaneguwe na Ndikumana.

"Irya operation [kirya gikorwa] simbona akamaro ka yo. Ntibikenewe ko utubwira ngo washoye amakonteneri y'ubutare'', ni ko yavuze muri ico kiganiro imbere yo kwongerako ati: ''Tubwire icavuyemwo".

Ku bwa Ndikumana, "Abarundi bakeneye kwumva ingorane zibugarije zatorewe inyishu gusa.

''Igitoro kiboneke nka kera, banki zironke amafaranga mvamakungu akwiye, ibiciro bigabanuke, …"

Mu bisa no gufatira kuri ivyo vyavuzwe n'umukuru wa Parcem, Perezida Ndayishimiye yagize ati: "Hariho umuntu ashobora kuvuga ngo duhe iki kandi azi ko kidashoboka, kugira ngo abantu bagumuke bace basubira mu magume".

Ariko ivyo Ndikumana yavuze ku butare biraboneka ko biri mu vyashavuje cane umukuru w'igihugu.

Yavuze ati : "Ubwa mbere yavuze ko i Murehe mu Kirundo ata butare buriyo. None abonye bushotse aca avuga aya muhe".

Faustin Ndikumana mw'ikostime y'ubururu, ishati y'ubururu bukeye n'ikaruvato y'ubururu irimwo udukwadarato

Ahavuye isanamu, PARCEM

Insiguro y'isanamu, Ishirahamwe Parcem rikuriwe na Faustin Ndikumana mu vyo rikora riranegura ibitagenda neza mu gihugu
Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Mu kiringo c'iminota irenga itanu avuga kuri Ndikumana, Prezida Ndayishimiye yakoresheje amajambo yo muri Bibliya mu kunegura ivyo yashikirije.

Yamugereranije na Senibarati canke Tobiya. Abo ni abantu bo muri Bibliya bafatwa nk'ibikoresho vy'umwijima vya shetani mu kuzimiza abantu.

Yavuze ati: "Nehemiya agiye kwubaka igihugu, agitanguye, hariho uwitwa Senibarati na Tobiya. Barasaze bati 'uyo muntu yubaka igihugu ni uwa he?' Baribagira ko Nehemiya yakoreshwa n'Imana."

"Babonye vyubatswe naho, ngo birya? Ngo n'indembe yobikubita umugere vyoca bihenuka. None babonye ama konteneri y'ubutare ariko aragenda, ngo birya? Ni zero".

Umukuru w'igihugu ntiyahagarariye ngaho. Yarinjiye mu buzima bwite bwa Fautsin Ndikumana.

Ariko aratwenga yabajije abanyagihugu ati ''Ni ikiburirane?'' Nabo baca baratwenga.

Arabandanya ati: "None nk'umuntu w'umugabo asaza yananiwe no kwubaka urugo rwiwe! Arafise amajambo abwira abarundi?"

"Muri bibiriya handitse ngo: Uwudashoboye gutunga umurango wiwe, yotunga abandi gute?

"Oya mbwira, umuntu atunze inda yiwe gusa yomenya ingene inda z'abarundi zikwiye gutungwa gute? Arafise icigwa yoha umukuru w'igihugu?"

Kuri ibi umukuru w'igihugu yamuvuze ko Faustin Ndikumana yabwiye BBC ko yemera kandi yubaha inzego z'igihugu. Ashimangira ko ata n'umwe ari hejuru y'amategeko.

Yibutsa ko Uburundi ari igihugu cubahiriza ubwigenge, demokarasi kandi kigendera ku mategeko nk'uko bitegekanijwe n'ibwirizwa nshingiro.

Uburundi bumaze imyaka itari mike bwugarijwe n'ubukene bw'igitoro buterwa n'ikena ry'amafaranga y'agaciro akoreshwa mu kugura ivyankenerwa biva hanze.

Ivyo vyatumye imirimo y'ubutunzi n'iyo kwiyunguruza ihungabana, ibiciro na vyo biraduga cane.

Prezida Ndayishimiye avuga ko ariko arakora ibishoboka vyose, abicishije mu gushora ubutare no kunagura ibiterwa njabukamazi, kugira amafaranga mvamakungu yiyongere mu gihugu.

Ndikumana nawe avuga ko ari "umunyagihugu asanzwe atanga intererano yiwe mu ntumbero yo kuronderera umuti urama ingorane zihanze igihugu"

Ati: "Ku bw'ivyo, singeramiye kandi sinteye ingorane igihugu".