Amerika yagirizwa gukoresha abakozi batemewe n'amategeko mu kigo c'abasaba ubuhungiro muri Afrika y'Epfo

    • Umwanditsi, Khanyisile Ngcobo
    • Yakoze inkuru ari, Johannesburg

Afrika y'Epfo yagirije Reta Zunze Ubumwe za Amerika gukoresha abanya-Kenya badafise impusha (viza) zo gukora muri ico gihugu mu kigo ciga amadosiye y'abazungu b'Abanya-Afrika y'Epfo basaba ubuhungiro.

Abanya-Kenya indwi barafashwe inyuma y'amakuru y'igendereza yahishuye ko hari abantu ''binjiye ubu vuba muri Afrika y'Epfo kuri viza z'ubukerarugendo hanyuma baronka akazi'' muri ico kigo, nk'uko biri mw'itangazo ry'ubushikiranganji bujejwe intwaro hagati mu gihugu.

BBC yarondeye ubushikirangannji bwa Amerika bujejwe imigenderanire kugira hagire ico bubivuzeko.

Mu gihe Amerika iriko iragerageza kugabanya igitigiri c'abinjira muri ico gihugu, ivuga ko abazungu b'aba-Afrikaner bo muri Afrika y'Epfo bashobora kuronka ubuhungiro kuko babuburabuzwa - ivyo reta ya Afrika y'Epfo yiyamiriza yivuye inyuma.

Amerika yagabanuye igitigiri c'impunzi zinjira muri ico gihugu ziva irya n'ino kw'isi kuva ku 125.000 gushika ku 75.000 ku mwaka, ariko ivuga ko izoshira imbere aba Afrikaner, benshi bamuka ku bimukira baturuka mu Buholandi n'Ubufaransa.

Afrika y'Epfo ivuga ko abanya-Kenya bafashwe mu mukwabu wo ku wa kabiri bagiye kuzosubizwa iwabo kandi ko batazosubira kwemererwa kwinjira muri ico gihugu mu kiringo c'imyaka itanu.

Muri kahise bari barimwe impusha zo gukora ariko biza kumenyekana ko ''bakora n'ubwo bari bafise impusha zo kwinjira mu gihugu nk'abakerarugendo gusa, mu kurenga vyeruye ku vyo basabwa mu kwijira mu gihugu'', nk'uko itangazo rivuga.

Afrika y'Epfo yavuze ko uwo mukwabu werekanye ishaka igihugu gisangiye ''na Reta Zunze Ubumwe za Amerika ryo kurwanya kwinjira mu gihugu hadakurikijwe amategeko no gukoresha viza ukutariko mu buryo ubwo ari bwo bwose''.

Yongeyeko ko iriko iravugana biciye mu nzira zizwi na Reta Zunze Ubumwe za Amerika na Kenya.

Nta munya-Amerika yafashwe kandi uwo mukwabu ntiwabereye mu kibanza c'ubuserukizi, nk'uko ibimenyesha.