Kubera iki Trump atarumvisha Putin guhagarika intambara muri Ukraine?

Trump na Putin

Icuka kibi hagati ya Reta Zunze Ubumwe za Amerika n'Uburusiya cariyongereye cane muri izi ndwi za vuba – Amerika yarafatiye ibihano amakompanyi y'Uburusiya abiri akomeye y'igitoro, Rosneft na Lukoil, mu gihe Putin na we yagerageje igisasu ca misire rutura gishasha hamwe na drone nshasha yo mu mazi, Poseidon.

Ibi bihugu vyompi bivuga ko bishobora gusubira gutangura kugerageza ibirwanisho ruhonyanganda vy'ubumara.

Hejuru y'uko ibi bihugu bibiri biriko biraterana ubwoba, ku rubuga nta gahengwe mu ntambara. Iyi ni impinduka ikomeye muri uno mwaka watanguranye icizere c'uko imigenderanire yashobora kuba myiza.

Donald Trump yagarutse muri Maison Blanche/White House (ibiro vy'umukuru w'igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika) yiyemeje guhagarika intambara muri Ukraine hamwe no "gushika mu masezerano y'amahoro na Putin".

Ariko, iyi ntambara gushika n'ubu irabandanya, mbere Washington (ubutegetsi bwa Amerika) hamwe na Moscou (Ubutegetsi bw'Uburusiya) ntibasiba guterana ubwoba, aho gushikiriza icokorwa kugira ngo irangire.

None ni kubera iki gushika ubu utwigoro twa Trump two kuyaga na Putin ataco turavamwo?

'Ngirana ibiyago vyiza na we ariko ntaho bishika'

Mu mubonano w'imbonekarimwe wo muri Myandagaro (8) mu ntara ya Alaska muri Amerika,  Putin na Trump ntaco bashoboye kwumvikanako

Ahavuye isanamu, Andrew Harnik / Getty Images

Insiguro y'isanamu, Mu mubonano w'imbonekarimwe wo muri Myandagaro (8) mu ntara ya Alaska muri Amerika, Putin na Trump ntaco bashoboye kwumvikanako

Mu ntango z'ikiringo kigira kabiri ca Trump haribonekeza ibimenyetso vy'uko ibintu bishobora guhinduka nubwo bitari bishemeye.

Ku ncuro ya mbere kuva Uburusiya buteye Ukraine, Washington na Moscou bashoboye kugigiranira ibiganiro bitaziguye.

Aba bakuru b'ibihugu bompi baravuganye akatari gake mbere barahurira muri Alaska amaso mu yandi muri Myandagaro (8).

Gushika ubu, ikintu conyene izi mpande zokwishimira ko zashitseko ni ivyo biganiro.

Andrew Peak yahoze ari umuyobozi mukuru ajejwe ibibazo vya Bulaya n'ivy'Uburusiya mu Nama y'Igihugu y'Umutekano ya Amerika, avuga ati: "Kuba nyene turiko turavuga ivyerekeye inzira y'amahoro ni ikimenyetso c'intambwe ikomeye.

"Gushikiriza ivyiyumviro, kubihanahana hagati y'izi mpande zibiri – ibi ni vyo mushinge w'ingene ibintu bigenda mu vy'imigenderanire".

Zelensky ariko araharira na Trump

Ahavuye isanamu, EPA-EFE / REX / Shutterstock

Insiguro y'isanamu, "Uriko urakinisha intambara ya gatatu y'isi yose" niko Trump yabwiye Zelensky

Intumwa idasanzwe Vitkoff

Trump yaragendeye cane ku bucuti agiriranira n'abantu kanaka.

Yararungitse intumwa idasanzwe Steve Witkoff, umugenzi pfa mpfe kuva bagikorana mu bijanye n'amazu i New York, kubonana na Putin incuro zitari nke.

Ariko bivanye n'uko Witkoff ata burambe afise mu bijanye n'imigenderanire mpuzamakungu, bamwe bafize amakenga ko ingendo ziwe zishobora kutazana akarusho.

Babiri mu bakora mu gisata c'imigenderanire i Bulaya bavuganye na BBC ariko bakaba batashimye ko amazina yabo aja ahabona, bavuga ko yakunze kuja i Moscou bibaza mu kwihenda ko Putin yoba yari yiteguriye kugira ivyo ahevye, mu nyuma Maison Blanche ikaba yahavuye ibona ko yihenze.

 Steve Witkoff, intumwa idasanzwe ya Amerika mu Buseruko bwo Hagati

Ahavuye isanamu, EPA / Shutterstock

Insiguro y'isanamu, Uyu ni Steve Witkoff, intumwa idasanzwe ya Amerika mu Buseruko bwo Hagati, igihe yari i Tel Aviv muri Israel mu kwezi guheze kwa Gitugutu (10)

Nk'uko uwahoze ari umutegetsi wo hejuru muri Kremlin (ibiro vy'umukuru w'igihugu c'Uburusiya) atashatse ko izina ryiwe rimenyekana yabibwiye BBC, Vitkoff yagize ikibazo co gutahura neza ibijanye n'aho Uburusiya buhagaze ku bintu bimwe bimwe kandi yagiye aba mahindagu mu gusigurira Kremlin poritike ya Amerika.

Ibi vyatumye impande zompi zivugana ata ruhande rutahura urundi, ni ko avuga.

Ingorane mu biyago zagiye kuja ahabona mu mubonano hagati ya Putin na Trump i Alaska muri Myandagaro.

Putin na Trump bariko bavugana n'abanyamakuru

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Putin na Trump bavuganye n'abanyamakuru gusa kandi ntibishuye ibibazo vy'abanyamakuru muri ico kiganiro co muri Myandagaro i Alaska.

Nari umwe mu banyamakuru amajana bari muri uno mubonano wahavuye ucirirwa hagati ku mvo zitatomoye.

Igihe Trump na Putin bahava baremeshereza hamwe ikiganiro n'abanyamakuru, nta ngingo zifadika zo guhagarika intambara batangaje.

Abanyamakuru

Kubona inama yarangiye ata kintu na gitoya Putin yiyemeje vyatumye Trump abura ico afata n'ico areka.

Yaba Kremlin canke Maison Blanche, nta ruhande na rumwe rwasiguye ivyariko bibera mu mwiherero, rero abanyamakuru bagerageje kurondera ivyo bashoboye kuronka baciye ku bantu b'ibanga.

Ikinyamakuru Financial Times co mu Bwongereza candika ko Trump yiyemeje gutezura ibihano kugira ngo intambara yo muri Ukraine irangire.

Putin ntiyatevye kwamirira kure iki ciyumviro, ahubwo aca asaba ko Ukraine imanika amaboko kandi akagenzura Donbas yose, bikavugwa ko yisunze "kahise", ikintu carakaje Trump, nk'uko vyandikwa na Financial Times.

Putin na Trump basa n'abaharira

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Amakuru avuga ko Putin na Trump batumvikanye ku kibazo co guheberanira ubutaka nka kimwe mu bigize amasezerano y'amahoro

"Abanyamerika barababaye cane" kubona ata cavuye i Alaska, nk'uko umukozi umwe wo mu gisata c'ubuserukizi yabibwiye BBC.

"Bashize imbere ivyiyumviro vyubakiye ku kudatahura ico intambara isigura ku Burusiya", ni ko n'uwundi atashatse ko izina ryiwe rimenyekana yavuze.

Eric Green yahoze ari umujenama ku bibazo vy'Uburusiya mu Nama y'igihugu y'umutekano wa Amerika mu gihe c'ubutegetsi bwa Biden, yabwiye BBC ati: "Vy'ukuri hari vyinshi bitumvikanyweko ku bijanye n'ivyoburi ruhande rworona n'ivyo rwoheba.

"Hampande y'ubutaka, harabaye ukutumvikana ku bijanye n'ivyo Ukraine yipfuza ku mutekano wayo, kandi ndibaza ko bamwe mu bari mu butegetsi bwa Trump batatahura ico Putin yashaka kuvuga mu gushimangira ku "mpamvu nyamukuru" z'intambara.'"

Eka vyarigaragaje ko na Trump atavyishimiye.

Igihe yatangaza ibihano bishasha muri Gitugutu (10), yagize ati: "Buri gihe mvuganye na Putin, ngirana ibiganiro vyiza nawe ariko ntaho bishika".

Abana batatu bariko bafungura, bahagarariwe n'umugore

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Abana b'abanya-Ukraine aho bari banyegejwe mu kubakingira ibitero vyo mu kirere vy'Uburusiya

None Putin ashaka iki neza na neza?

Nta kintu kinini cahindutse muri aya mezi ya vuba ku bijanye n'aho Moscou ihagaze.

Mu vyo Putin asaba kugira ngo intambara ihagarare harimwo:

  • Kwemera ko uturere Uburusiya bumaze kwigarurira mu ntara zitanu za Ukraine tubwegukira burundu
  • Ukraine kutagira uruhande na rumwe yegamirako
  • Kugabanya igisirikare ca Ukraine
  • Kwemerwa kw'ikirusiya mw'ibwirizwashingiro
  • Gukuraho ibihano vyafashwe n'uburengero.

Uburusiya buvuga ko buzohagarika intambara mu gihe hazoba habaye amasezerano ya poritike

Ibi ni ibintu Washington na Kyiv (ubutegetsi bwa Ukraine) badashobora kwemerwa, bakavuga ko intambara itegerezwa kubanza guhagarara.

Abasirikare b'Uburusiya barwanye muri Ukraine bariko bitegurira idefire ya gisirikare i Moscou mu guhimbaza intsinzi y'Uburusiya ku Budagi mu ntambara ya kabiri y'isi yose

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Abasirikare b'Uburusiya barwanye muri Ukraine bariko bitegurira idefire ya gisirikare i Moscou mu birori vyo guhimbaza intsinzi y'Uburusiya ku Budagi mu ntambara ya kabiri y'isi yose

Kugira ngo ibintu bibandanye, nk'uko Andrew Peak abivuga, impande zose zitegerezwa kwumvikana ku bintu bitatu:

  • ubutaka
  • kazoza ka Ukraine
  • ikibazo c'umutekano wa Ukraine

Ni nk'uko gushika ubu ata ntambwe irashikwako kuri ibi bintu bitatu, nk'uko bivuga.

Mu ntango, Trump yasa n'uwumva ko Ukraine yokwemera guheba ubutaka.

Muri Ndamukiza (4), yavuze ko "Crimée/Crimea izoguma ari iy'Uburusiya" kandi ko, nk'uko ibinyamakuru bibivuga, abakozi biwe bariko bariga ingene bokwemera ko ako karere Uburusiya bwigaruriye mu 2014 kobwegukira burundu.

Mu mubonano yagiranye na Volodymyr Zelensky mu kwezi guheze kwa Gitugutu (10), Trump yasubiye gushikiriza iciyumviro c'uko hoba "uguheberanira ubutaka" nk'uko vyandikwa n'itororokanirizo ry'amakuru Reuters.

Trump na Zelensky

Ahavuye isanamu, Win McNamee / Getty Images

Insiguro y'isanamu, Perezida Volodymyr Zelensky wa Ukraine, abifashijwemwo n'incuti ziwe za Bulaya, yarashoboye kugarukana imigenderanire myiza na Donald Trump muri ano mezi ya vuba

Uburusiya kandi bwatanze ikimenyetso co kwiyorosha: umushikiranganji wa Turukiya ajejwe imigenderanire yavuze ko Moscou ishobora kwemera guhagarikira aho igeze ku rubuga rw'intambara mu bice bimwe bimwe vy'ubumanuko bwa Ukraine.

Hagati aho, yavuze kandi ko Uburusiya bugisaba ko buheberwa akarere kose gakungahaye mu mabuye y'agaciro ka Donbass, mu gihe bugenzura igice cayo.

Kremlin (ibiro vy'umukuru w'igihugu c'Uburusiya) ivuga ko idashobora gushira ahabona ivyo iriko isaba mu biganiro bibandanya, harimwo ikibazo c'ubutaka.

Umusirikare wa Ukraine ariko yitegura kurekura igisasu

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Umusirikare wa Ukraine ariko yitegura kurekura igisasu

Ariko abo mu gisata c'imigenderanire bashimangira ko ivyo kugenzura ubutaka bwa Ukraine atari co kibazo ca mbere ngorabahizi kiriko kiraganirwako.

Umutegetsi wo hejuru i Bulaya yabwiye BBC ko Trump, ku kungene amenyereye ivyo kudandaza, yari yiteze ko yari gushobora gushika ku masezerano mu buryo bworoshe mu bisa nk'ukugura canke guhanahana ubutaka, aho kwinjira mu biganiro bikomeye vya politike.

Ati: "Ariko kuri Putin, ikibazo si ubutaka, ikibazo gihagaze ku kwiganzira Ukraine".

Ibi bisigura ukugenzura poritike ya Kyiv n'ubushobozi bwayo bwa gisirikare.

Moscou ishimangira ku co yita Ukraine kutagira uruhande yegamirako hamwe n'igabanywa nyaryo ry'igisirikare ca Ukraine.

Kyiv yoyo ishaka ko Amerika na OTAN vyimeyeza gufata mu minwe umutekano wayo.

"Uburusiya ntibwerekwa na gato ivyo gufata mu minwe umutekano wa Ukraine - haba mu 2022, canke uno musi", niko Pick avuga.

" Aho hari itandukaniro rinini cane kurusha iryerekeye ubutaka".

'Ukwiha umwanya '

Rubio na Lavrov

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Marco Rubio wa Amerika na Sergei Lavrov w'Uburusiya bategetswe gutegura ibiganiro
Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Kubona umubonano wari utegekanijwe i Budapest utakunze, nta kindi vyerekana atari uko ata ntambwe irashobora guterwa.

Igihe baheruka kuvugana kuri terefone hagati muri Gitugutu, Trump na Putin bategetse abashikiranganji bajejwe imigenderanire, Marco Rubio wa Amerika na Sergei Lavrov w'Uburusiya gutegura ibiganiro.

Baravuganye rimwe, ariko nta mubonano wakurikiye.

Ku wa 12 Munyonyo (11), Rubio yabwiye abanyamakuru ati: "Ntidushobora kubandanya tuja mu manama ataco avamwo".

Bukeye, Lavrov yiyamirije ibivugwa, ko ivy'uko Uburusiya ari bwo buterekwa ibiganiro ari "ibinyoma vyeruye".

Yavuze ko Moscou ibandanya yiteguriye umubonano ugira kabiri hagati ya Trump na Putin, ariko gusa ukaba ushingiye ku "vyavuye mu mubonano wa Alaska biteguwe neza".

Hagati aho, Ukraine n'Ubulaya barakoranye mu buryo bwa hafi mu ntumbero yo kugarukana icuka ciza na Trump.

Igihe yatangura ikiringo ciwe kigira kabiri, yaboneka ko yari yiyemeje kuganira na Putin gusa, Kyiv yayishize ku ruhande.

Cari ikintu kitaguye neza Ukraine n'Ubulaya.

Uburusiya buherutse kugerageza igisasu ca misire ruhonyanganda c'ubumara

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Uburusiya buherutse kugerageza igisasu ca misire ruhonyanganda c'ubumara

Hagati aho, Trump yahavuye yorosha imvugo kuri Ukraine.

Ico Uburusiya butandukaniyeko na Ukraine, ni uko yerekanye ukwiyorosha kuri Washington, mu kwakiriza yompi intererano ya Amerika kugira ngo intambara ihagarare hamwe n'ibijanye n'ibiganiro na Moscou.

Kuri Kyiv n'incuti zayo, intego yari yoroshe: kwumvisha Trump ko kumanika amaboko imbere ya Putin vyoba ari akaga ku mutekano wa Bulaya na Amerika.

"Twari tuzi ko amaherezo bazoteba bakamenya ko Uburusiya butari mu biganiro ku neza", niko umwe mu bakora mu vy'imigenderanire i Bulaya yabwiye BBC.

"Intego yacu kwari ukwiha umwanya – kandi twarashoboye kubishikako."

Moscou yegeka vyose ku Bulaya.

"Abanyabulaya ntibasinzira, baboheye amaboko i mugongo ubu butegetsi", niko Lavrov yavuze, mu kunegura ico yise "ihinduka rikomeye" ry'aho Amerika ihagaze.

Amezi atatu inyuma y'umubonano w'i Alaska, Kremlin na Maison Blanche ntibigeze berekana ikimenyetso na kimwe c'uko boba bari hafi yo gushika ku mwumvikano.

Muri Gitugutu, Washington yafatiye ibihano bishasha bikomeye Uburusiya, ku ncuro ya mbere kuva Trump asubiye ku butegetsi, vyafatiwe amakomanyi akomeye y'igitoro.

"Ibintu vyose dukora bizogondoza Putin gushika yitabe ibiganiro", niko umushikiranganji w'ikigega ca reta wa Amerika Scott Besant yabwiye ikinyamakuru CBS gikorana na BBC.

Putin yariyamirije iyi ngingo, avuga ko ibi bihano "bitosekaza imigenderanire", ariko ashimangira ko Uburusiya butarota "buhindura poritike yabwo ku gitsutre".

Inyuma y'imisi mike, Moscou yaciye igerageza igisasu ca misire ruhonyanganda c'ubumara, ikimenyetso c'uko ibi biganiro vyariko bicira inzira akandi karyo ko kwerekana ubugabo.