Kubera iki Trump atarumvisha Putin guhagarika intambara muri Ukraine?

Icuka kibi hagati ya Reta Zunze Ubumwe za Amerika n'Uburusiya cariyongereye cane muri izi ndwi za vuba – Amerika yarafatiye ibihano amakompanyi y'Uburusiya abiri akomeye y'igitoro, Rosneft na Lukoil, mu gihe Putin na we yagerageje igisasu ca misire rutura gishasha hamwe na drone nshasha yo mu mazi, Poseidon.
Ibi bihugu vyompi bivuga ko bishobora gusubira gutangura kugerageza ibirwanisho ruhonyanganda vy'ubumara.
Hejuru y'uko ibi bihugu bibiri biriko biraterana ubwoba, ku rubuga nta gahengwe mu ntambara. Iyi ni impinduka ikomeye muri uno mwaka watanguranye icizere c'uko imigenderanire yashobora kuba myiza.
Donald Trump yagarutse muri Maison Blanche/White House (ibiro vy'umukuru w'igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika) yiyemeje guhagarika intambara muri Ukraine hamwe no "gushika mu masezerano y'amahoro na Putin".
Ariko, iyi ntambara gushika n'ubu irabandanya, mbere Washington (ubutegetsi bwa Amerika) hamwe na Moscou (Ubutegetsi bw'Uburusiya) ntibasiba guterana ubwoba, aho gushikiriza icokorwa kugira ngo irangire.
None ni kubera iki gushika ubu utwigoro twa Trump two kuyaga na Putin ataco turavamwo?
'Ngirana ibiyago vyiza na we ariko ntaho bishika'

Ahavuye isanamu, Andrew Harnik / Getty Images
Mu ntango z'ikiringo kigira kabiri ca Trump haribonekeza ibimenyetso vy'uko ibintu bishobora guhinduka nubwo bitari bishemeye.
Ku ncuro ya mbere kuva Uburusiya buteye Ukraine, Washington na Moscou bashoboye kugigiranira ibiganiro bitaziguye.
Aba bakuru b'ibihugu bompi baravuganye akatari gake mbere barahurira muri Alaska amaso mu yandi muri Myandagaro (8).
Gushika ubu, ikintu conyene izi mpande zokwishimira ko zashitseko ni ivyo biganiro.
Andrew Peak yahoze ari umuyobozi mukuru ajejwe ibibazo vya Bulaya n'ivy'Uburusiya mu Nama y'Igihugu y'Umutekano ya Amerika, avuga ati: "Kuba nyene turiko turavuga ivyerekeye inzira y'amahoro ni ikimenyetso c'intambwe ikomeye.
"Gushikiriza ivyiyumviro, kubihanahana hagati y'izi mpande zibiri – ibi ni vyo mushinge w'ingene ibintu bigenda mu vy'imigenderanire".

Ahavuye isanamu, EPA-EFE / REX / Shutterstock
Intumwa idasanzwe Vitkoff
Trump yaragendeye cane ku bucuti agiriranira n'abantu kanaka.
Yararungitse intumwa idasanzwe Steve Witkoff, umugenzi pfa mpfe kuva bagikorana mu bijanye n'amazu i New York, kubonana na Putin incuro zitari nke.
Ariko bivanye n'uko Witkoff ata burambe afise mu bijanye n'imigenderanire mpuzamakungu, bamwe bafize amakenga ko ingendo ziwe zishobora kutazana akarusho.
Babiri mu bakora mu gisata c'imigenderanire i Bulaya bavuganye na BBC ariko bakaba batashimye ko amazina yabo aja ahabona, bavuga ko yakunze kuja i Moscou bibaza mu kwihenda ko Putin yoba yari yiteguriye kugira ivyo ahevye, mu nyuma Maison Blanche ikaba yahavuye ibona ko yihenze.

Ahavuye isanamu, EPA / Shutterstock
Nk'uko uwahoze ari umutegetsi wo hejuru muri Kremlin (ibiro vy'umukuru w'igihugu c'Uburusiya) atashatse ko izina ryiwe rimenyekana yabibwiye BBC, Vitkoff yagize ikibazo co gutahura neza ibijanye n'aho Uburusiya buhagaze ku bintu bimwe bimwe kandi yagiye aba mahindagu mu gusigurira Kremlin poritike ya Amerika.
Ibi vyatumye impande zompi zivugana ata ruhande rutahura urundi, ni ko avuga.
Ingorane mu biyago zagiye kuja ahabona mu mubonano hagati ya Putin na Trump i Alaska muri Myandagaro.

Ahavuye isanamu, Reuters
Nari umwe mu banyamakuru amajana bari muri uno mubonano wahavuye ucirirwa hagati ku mvo zitatomoye.
Igihe Trump na Putin bahava baremeshereza hamwe ikiganiro n'abanyamakuru, nta ngingo zifadika zo guhagarika intambara batangaje.

Kubona inama yarangiye ata kintu na gitoya Putin yiyemeje vyatumye Trump abura ico afata n'ico areka.
Yaba Kremlin canke Maison Blanche, nta ruhande na rumwe rwasiguye ivyariko bibera mu mwiherero, rero abanyamakuru bagerageje kurondera ivyo bashoboye kuronka baciye ku bantu b'ibanga.
Ikinyamakuru Financial Times co mu Bwongereza candika ko Trump yiyemeje gutezura ibihano kugira ngo intambara yo muri Ukraine irangire.
Putin ntiyatevye kwamirira kure iki ciyumviro, ahubwo aca asaba ko Ukraine imanika amaboko kandi akagenzura Donbas yose, bikavugwa ko yisunze "kahise", ikintu carakaje Trump, nk'uko vyandikwa na Financial Times.

Ahavuye isanamu, Reuters
"Abanyamerika barababaye cane" kubona ata cavuye i Alaska, nk'uko umukozi umwe wo mu gisata c'ubuserukizi yabibwiye BBC.
"Bashize imbere ivyiyumviro vyubakiye ku kudatahura ico intambara isigura ku Burusiya", ni ko n'uwundi atashatse ko izina ryiwe rimenyekana yavuze.
Eric Green yahoze ari umujenama ku bibazo vy'Uburusiya mu Nama y'igihugu y'umutekano wa Amerika mu gihe c'ubutegetsi bwa Biden, yabwiye BBC ati: "Vy'ukuri hari vyinshi bitumvikanyweko ku bijanye n'ivyoburi ruhande rworona n'ivyo rwoheba.
"Hampande y'ubutaka, harabaye ukutumvikana ku bijanye n'ivyo Ukraine yipfuza ku mutekano wayo, kandi ndibaza ko bamwe mu bari mu butegetsi bwa Trump batatahura ico Putin yashaka kuvuga mu gushimangira ku "mpamvu nyamukuru" z'intambara.'"
Eka vyarigaragaje ko na Trump atavyishimiye.
Igihe yatangaza ibihano bishasha muri Gitugutu (10), yagize ati: "Buri gihe mvuganye na Putin, ngirana ibiganiro vyiza nawe ariko ntaho bishika".

Ahavuye isanamu, Reuters
None Putin ashaka iki neza na neza?
Nta kintu kinini cahindutse muri aya mezi ya vuba ku bijanye n'aho Moscou ihagaze.
Mu vyo Putin asaba kugira ngo intambara ihagarare harimwo:
- Kwemera ko uturere Uburusiya bumaze kwigarurira mu ntara zitanu za Ukraine tubwegukira burundu
- Ukraine kutagira uruhande na rumwe yegamirako
- Kugabanya igisirikare ca Ukraine
- Kwemerwa kw'ikirusiya mw'ibwirizwashingiro
- Gukuraho ibihano vyafashwe n'uburengero.
Uburusiya buvuga ko buzohagarika intambara mu gihe hazoba habaye amasezerano ya poritike
Ibi ni ibintu Washington na Kyiv (ubutegetsi bwa Ukraine) badashobora kwemerwa, bakavuga ko intambara itegerezwa kubanza guhagarara.

Ahavuye isanamu, Reuters
Kugira ngo ibintu bibandanye, nk'uko Andrew Peak abivuga, impande zose zitegerezwa kwumvikana ku bintu bitatu:
- ubutaka
- kazoza ka Ukraine
- ikibazo c'umutekano wa Ukraine
Ni nk'uko gushika ubu ata ntambwe irashikwako kuri ibi bintu bitatu, nk'uko bivuga.
Mu ntango, Trump yasa n'uwumva ko Ukraine yokwemera guheba ubutaka.
Muri Ndamukiza (4), yavuze ko "Crimée/Crimea izoguma ari iy'Uburusiya" kandi ko, nk'uko ibinyamakuru bibivuga, abakozi biwe bariko bariga ingene bokwemera ko ako karere Uburusiya bwigaruriye mu 2014 kobwegukira burundu.
Mu mubonano yagiranye na Volodymyr Zelensky mu kwezi guheze kwa Gitugutu (10), Trump yasubiye gushikiriza iciyumviro c'uko hoba "uguheberanira ubutaka" nk'uko vyandikwa n'itororokanirizo ry'amakuru Reuters.

Ahavuye isanamu, Win McNamee / Getty Images
Uburusiya kandi bwatanze ikimenyetso co kwiyorosha: umushikiranganji wa Turukiya ajejwe imigenderanire yavuze ko Moscou ishobora kwemera guhagarikira aho igeze ku rubuga rw'intambara mu bice bimwe bimwe vy'ubumanuko bwa Ukraine.
Hagati aho, yavuze kandi ko Uburusiya bugisaba ko buheberwa akarere kose gakungahaye mu mabuye y'agaciro ka Donbass, mu gihe bugenzura igice cayo.
Kremlin (ibiro vy'umukuru w'igihugu c'Uburusiya) ivuga ko idashobora gushira ahabona ivyo iriko isaba mu biganiro bibandanya, harimwo ikibazo c'ubutaka.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Ariko abo mu gisata c'imigenderanire bashimangira ko ivyo kugenzura ubutaka bwa Ukraine atari co kibazo ca mbere ngorabahizi kiriko kiraganirwako.
Umutegetsi wo hejuru i Bulaya yabwiye BBC ko Trump, ku kungene amenyereye ivyo kudandaza, yari yiteze ko yari gushobora gushika ku masezerano mu buryo bworoshe mu bisa nk'ukugura canke guhanahana ubutaka, aho kwinjira mu biganiro bikomeye vya politike.
Ati: "Ariko kuri Putin, ikibazo si ubutaka, ikibazo gihagaze ku kwiganzira Ukraine".
Ibi bisigura ukugenzura poritike ya Kyiv n'ubushobozi bwayo bwa gisirikare.
Moscou ishimangira ku co yita Ukraine kutagira uruhande yegamirako hamwe n'igabanywa nyaryo ry'igisirikare ca Ukraine.
Kyiv yoyo ishaka ko Amerika na OTAN vyimeyeza gufata mu minwe umutekano wayo.
"Uburusiya ntibwerekwa na gato ivyo gufata mu minwe umutekano wa Ukraine - haba mu 2022, canke uno musi", niko Pick avuga.
" Aho hari itandukaniro rinini cane kurusha iryerekeye ubutaka".
'Ukwiha umwanya '

Ahavuye isanamu, Reuters
Kubona umubonano wari utegekanijwe i Budapest utakunze, nta kindi vyerekana atari uko ata ntambwe irashobora guterwa.
Igihe baheruka kuvugana kuri terefone hagati muri Gitugutu, Trump na Putin bategetse abashikiranganji bajejwe imigenderanire, Marco Rubio wa Amerika na Sergei Lavrov w'Uburusiya gutegura ibiganiro.
Baravuganye rimwe, ariko nta mubonano wakurikiye.
Ku wa 12 Munyonyo (11), Rubio yabwiye abanyamakuru ati: "Ntidushobora kubandanya tuja mu manama ataco avamwo".
Bukeye, Lavrov yiyamirije ibivugwa, ko ivy'uko Uburusiya ari bwo buterekwa ibiganiro ari "ibinyoma vyeruye".
Yavuze ko Moscou ibandanya yiteguriye umubonano ugira kabiri hagati ya Trump na Putin, ariko gusa ukaba ushingiye ku "vyavuye mu mubonano wa Alaska biteguwe neza".
Hagati aho, Ukraine n'Ubulaya barakoranye mu buryo bwa hafi mu ntumbero yo kugarukana icuka ciza na Trump.
Igihe yatangura ikiringo ciwe kigira kabiri, yaboneka ko yari yiyemeje kuganira na Putin gusa, Kyiv yayishize ku ruhande.
Cari ikintu kitaguye neza Ukraine n'Ubulaya.

Ahavuye isanamu, Reuters
Hagati aho, Trump yahavuye yorosha imvugo kuri Ukraine.
Ico Uburusiya butandukaniyeko na Ukraine, ni uko yerekanye ukwiyorosha kuri Washington, mu kwakiriza yompi intererano ya Amerika kugira ngo intambara ihagarare hamwe n'ibijanye n'ibiganiro na Moscou.
Kuri Kyiv n'incuti zayo, intego yari yoroshe: kwumvisha Trump ko kumanika amaboko imbere ya Putin vyoba ari akaga ku mutekano wa Bulaya na Amerika.
"Twari tuzi ko amaherezo bazoteba bakamenya ko Uburusiya butari mu biganiro ku neza", niko umwe mu bakora mu vy'imigenderanire i Bulaya yabwiye BBC.
"Intego yacu kwari ukwiha umwanya – kandi twarashoboye kubishikako."
Moscou yegeka vyose ku Bulaya.
"Abanyabulaya ntibasinzira, baboheye amaboko i mugongo ubu butegetsi", niko Lavrov yavuze, mu kunegura ico yise "ihinduka rikomeye" ry'aho Amerika ihagaze.
Amezi atatu inyuma y'umubonano w'i Alaska, Kremlin na Maison Blanche ntibigeze berekana ikimenyetso na kimwe c'uko boba bari hafi yo gushika ku mwumvikano.
Muri Gitugutu, Washington yafatiye ibihano bishasha bikomeye Uburusiya, ku ncuro ya mbere kuva Trump asubiye ku butegetsi, vyafatiwe amakomanyi akomeye y'igitoro.
"Ibintu vyose dukora bizogondoza Putin gushika yitabe ibiganiro", niko umushikiranganji w'ikigega ca reta wa Amerika Scott Besant yabwiye ikinyamakuru CBS gikorana na BBC.
Putin yariyamirije iyi ngingo, avuga ko ibi bihano "bitosekaza imigenderanire", ariko ashimangira ko Uburusiya butarota "buhindura poritike yabwo ku gitsutre".
Inyuma y'imisi mike, Moscou yaciye igerageza igisasu ca misire ruhonyanganda c'ubumara, ikimenyetso c'uko ibi biganiro vyariko bicira inzira akandi karyo ko kwerekana ubugabo.













