Indonesia: Indege yunguruza abantu Boeing 737 yaburiwe irengero haciye akanya igurutse

Indege yarimwo abantu barenga 50 yaburiwe irengero haciye akanya gato igurutse ivuye ku mugwa mukuru wa Indonesia, Jakarta.

Abategetsi bavuga ko iyo ndege Boeing 737 y'ikompanyi Sriwijaya Air yaburiwe irengero mu gihe yari mu nzira igana mu gisagara ca Pontianak mu ntara ya West Kalimantan.

Urubuga rukurikirana ingendo z'indege Flightradar24.com ruvuga ko iyo ndege yakorotse ku muvuduko w'imetero zirenga 3000 mu kiringo kiri musi y'umunota.

Ku mbuga hwaniro no ku mboneshakure hariko herekanwa amasanamu asa n'ay'ibisigarira vy'iyo ndege.

Abanyagihugu batari bake baba mw'izinga riri hafi y'aho iyo ndege yaburiwe irengero babwiye BBC ko babonye ibintu bakeka ko vyoba vyari muri yo.

Ubushikiranganji bwo gutwara abantu n'ibintu buvuga ko ibikorwa vy'ubutabazi n'ukurondera iyo yanyikiye bibandanya.

Bivugwa ko igihe baherukira kuvugana n'iyo ndege - hakoreshejwe ubutumwa SJY182 - hari isaha umunani n'iminota 40 mu masaha ya Indonesia, ni ukuvuga isaha zitatu n'iminota 40 z'agatondo mu masaha yo mu Burundi no mu Rwanda.

Mu bisanzwe, gushika mu gisagara ca Pontianak mu burengero bw'izinga rya Borneo ni urugendo rw'isaha n'igice.

Nk'uko impapuro zivyerekana, iyi ndege ni Boeing 737-500 yari imaze imyaka 26.

Sriwijaya Air ikompanyi yunguruza abantu n'indege muri ico gihugu, ivuga ko ikiriko irarondera amakuru ku bijanye n'iyo ndege.

Iyi ndege ya Boeing si ya yindi yo mu bwoko bwa 737 Max iherutse kwiha inkumbi mu masanga abiri ruhonyabantu muri iyi myaka ya nyuma.

Isanganya rya mbere muri aya abiri, ryabaye mu kw'icumi 2018, ikaba yari indege yegukira ikompanyi Lion Air y'ico gihugu ca Indonesia yakorotse ikagwa mw'ibahari haciye iminota 12 igurutse iva i Jakarta, abantu 189 bose bari bayirimwo nta n'umwe yarokotse.

Amasanganya yo mu gisata c'ukwunguruza abantu, harimwo n'ay'indege, ararwiriye muri Indonesia, biturutse ku gupakira umurengera, amabarabara ashaje hamwe n'ukutitaho amategeko ajanye n'umutekano.