Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Magawa, imbeba imoterwa na 'mine' yatsindiye umudari w'inzahabu wa PDSA
Imbeba nini yo muri Africa yahawe agashimwe k'icubahiro k'umudari w'inzahabu ku gikorwa yaranguye co gutora ahari ibisase vya mine.
Magawa imaze gutora mine ziteze mw'ivu 39 hamwe n'ibisase 28 bitaraturika mu kazi kayo ka misi yose.
Ikigo co mu Bwongereza gifasha mu buvuzi bw'ibikoko PDSA cayerekanye yambaye umudari w'inzahabu " ku kwitanga mu gukiza ubuzima mu kazi kayo ko kumenya no gutegura ama mine atezwe mw'ivu muri Cambodge."
Vyibazwa ko hari mine zitezwe mw'ivu zoba zishika imiliyoni zitandatu muri co gihugu kiri mu bumanuko bwa Aziya.
Umudari w'inzahabu wa PDSA wanditseko amajambo"ku butwari bw'igikoko canke ukwitangira igikorwa". Mu bikoko 30 bimaze gutahukana uwo mudari, Magawa ni yo mbeba ya mbere.
Iyo mbeba y'imyaka indwi yigishijwe n'ikigo co mu Bubiligi ca Apopo, gifise icicaro muri Tanzania, kikaba kirera ivyo bikoko - bizwi nka HeroRATs- mu kuvyigisha kumenya ahari mine hamwe n'igituntu, kuva mu myaka ya 90. Ivyo bikoko birahabwa urupapuro rwemeza ko birangije inyigisho inyuma y'umwaka.
Umunyamabanga w'ikigo Apopo, Christophe Cox yabwiye itororokanirizo ry'amakuru rya Press Association ati:"Kuronswa uwo mudari n'agateka gakomeye kuri twebwe. Ariko kandi n'ikintu gikomeye ku banyagihugu bo muri Camboge, no ku bandi bantu bose bageramiwe na mine zitezwe mw'ivu."
PDSA yerekanye ibirori vyo guha ako gashimwe Magawa ku rubuga rwabo.
Inkuru zitangwa na Apopo, zivuga ko Magawa - yavukiye inarererwa muri Tanzania - ipima 1.2kg ikaba ifise uburebure bwa 70 cm. N'aho iguma ari nini gusumba izindi mbeba zo mu bwoko bwayo, Magawa iracari nto kandi ntiremereye ku buryo idashobora guturitsa mine iyiciyeko.
Imbeba zimenyerezwa kumenya bimwe mubikoze mine, bisigura ko itamoterwa n'icuma bigatuma inyarutsa gutora ahari mine. Itoye mine, ica iharura hejuru kugira iyereke abantu basanzwe bakorana.
Magawa ifise ubushobozi bwo kurondera mine mu kibanza kingana n'ikibuga ca Tennis mu minota 20 - Apopo ivuga ko umuntu arondera akoresheje icuma ico gikorwa comutwara hagati y'umusi umwe n'imisi ine.
Ikora igice c'isaha ku musi mu gitondo, ikaba yegereje kuja mu karuhuko k'iza bukuru, ariko umuyobozi mukuru wa PDSA, Jan McLoughlin avuga ko igikorwa bakoranye na Apopo cari" ico akataraboneka kidafise ico wokigereranya."
Yabwiye Press Association ati:"Igikorwa ca Magawa carakinze congera gihindura ubuzima bw'abagabo, abapfasoni n'abana bari bageramiwe na mine. Uko yatora mine, igitigiri c'abashobora gukomereka canke gupfa caba kigabanutse."
Inkuru zitangwa n'ishirahamwe rijejwe gutegura mine, HALO Trust, abantu bo muri Cambodge bamaze guhitanwa na mine barenga 64.000 abandi hafi 25.000 bacika ibihimba vy'umubiri bivuye kuri mine kuva 1079. Nyinshi zikaba zatezwe mu ntambara zabaye muri ico gihugu mu myaka ya 70 na 80.
Mu kwezi kwa mbere mu 2020, prezida wa Amerika Donald Trump yarafuse itegeko ribuza ikoreshwa rya mine, ahindura ingingo yari yafashwe na prezida Barack Obama mu 2014.