Umwihwezo w'ingene Demokarasi yoba itsinze muri Espanye

Muri Espanye, igihugu kimaze iminsi kiri mu ngorane za politike, Pedro Sanchez ashobora gusubirira Mariano Rajoy mu kibanza c'umushikiranganji wa mbere, yitezwe ko vyinshi.

Pedro Sanchez yarutse ibintu bitangaje kuko ntiyari umunye politike azwi igihe yatsindira amatora, umugambwe wiwe w'aba sosiyaliste.

Hari mu mwaka w'2014. Uyo mugabo asa neza, ni umuhinga mu vy'ubutunzi.

Yahoze anakina urukino rwa basketi.

Atowe, yabonwa kandi anitezwe kuba umuhuza w'umugambwe w'abashira inyingu z'abantu mu kibano imbere. Ni abo bita aba socialists.

Ariko, yarasubiriye gutsindwa, aranavyemanga, mu myaka yakurikiye, uw'2015 na 2016.

Vyoba ari navyo vyatumye ategekwa gutanga imihoho, inyuma y'aho yankiye gushigikira Mariano Rajoy,

mu matora yatumye igihugu kija mu ngorane za politike n'ayandi macakubiri. Vyanahereye mu migambwe yabo.

Aho hari mu kwa cumi na kabiri mu 2015.

Amezi yakurikiye, nticabujije ko asubira agatangaza abamuvugako vyinshi.

Yasubiriye gutsindira umugambwe wiwe, mu gice ca mbere c'amatora.

Amategeko yubahirijwe

Ibwirizwa nshingiro ry'igihugu ca Espanye rivuga ko, uruhande rushikirije inama nshingamateka urwandiko rwerekana ko ata cizere rufitiye inzego, arirwo rwitegurira gutanga umushikira nganjiwa mbere asubirira uwahahora.

Ni mu gihe iyo inama nshingamateka ivyemeje kurugero rwa benshi.

Uko niko uyu mugabo Pedro Sanchez w'imyaka 46, avuka i ku murwa mukuru Madrid, azwi ko azi ico arondera mu kwicisha bugufi kwiwe, ashobora kuba umushikira nganji wa mbere mushasha.

Ibi bibaye mugihe umugambwe wiwe utarenza ica kane c'intebe mu nama nshingamateka.