Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
US: Guhusha kwica idubu byavuyemo gupfa kw'abavandimwe babiri
Umugabo wo muri leta ya Oregon muri Leta Zunze Umwe za Amerika yiyahuye nyuma y'uko arashe umuvandimwe we by'impanuka arimo gutunganya imbunda ngo arase idubu ryaje iwabo, nk'uko polisi ibivuga.
Uyu mugabo yahamagaye nimero yo gutabaza ya 911 avuga ibibaye, ariko ahita yirebeshaho imbunda arirasa mbere y'uko polisi ihagera.
Byabaye kuwa kabiri mu gitondo ahitwa Sunny Valley mu cyaro cyo muri iyo leta hafi y'umupaka ihana na California.
Amazina y'abo bagabo bombi bapfuye ntiyatangajwe.
Muri leta ya Oregon habarurwa amadubu arenga 25,000 kandi abahatuye baburirwa kenshi kwirinda guhangana nayo.
Umukuru wa polisi y'ahabereye iryo bara, yavuze ko uwahamagaye 911 (nimero yo gusabiraho ubufasha bwihuta muri Amerika) yavuze ko yariho asharija imbunda ye ngo arase iryo dubu.
Polisi igeze muri urwo rugo, yasanze abo bagabo bombi bapfuye, buri wese yishwe n'isasu rimwe.
Polisi ivuga ko iri gukora iperereza kandi ibizarivamo bizatangazwa hanyuma.
Kwiyongera ko gutunga imbunda muri Amerika byazanye no kwiyongera kw'impfu no gukomereka by'impanuka n'ibigambiriwe.
Hafi abantu 500 buri mwaka bapfa mu kurasa by'impanuka, nk'uko imibare ya Educational Fund to Stop Gun Violence ibigaragaza.