George Floyd: Ubwicanyi bwashikanye Amerika ku manga

    • Umwanditsi, Inkuru ya Tara McKelvey
    • Igikorwa, BBC News, Minneapolis

Ngaha abantu baramaze indwi n'amezi barindiranye ubwitonzi, ubwambere, igihe urubanza rwatangura, hamwe no mu minsi yarwo yanyuma, amasaha atari yorose kwihanganira, igihe umugwi w'abanyagihugu wumva ugaca urunza (jury) wariko urarwihweza.

Ingaruka z'uru rubanza zari nyinshi cane, kandi abantu bariruhukije, bagerageza kwiyumvisha mu mitwe yabo ivyari bihejeje gushika.

Ni urubanza rw'akataraboneka rw'igikenya c'abapolisi ku bantu b'abirabure, kandi ivyaruvuyemwo bisigura intsinzi ikomeye ku baharanira agateka, bagumye basaba ko uburyo igipolisi gikora gusubirwamwo:

Derek Chauvin yahamijwe icaha ku rugero rwa kabiri rwo kwica, urugero rwa gatatu rwo kwica hamwe no kwica bitateguwe ku bijanye n'urupfu rwa George Floyd.

Ingingo ya jury isigura yuko ubu abapolisi bazohangwa ijisho igihe cose, nk'uko abahinga mu vy'amategeko babivuga, kandi bashobore gukurikiranwa mu mategeko kurusha uko vyahora, bahamwe n'icaha nibaba bakosheje.

Gucibwa kw'uru rubanza birashobora gutuma haza uburyo bushasha bwo gukora kw'igipolisi, nk'uko abihweza utuntu n'utundi babivuga, abapolisi barushirizeho kubazwa ivyo bakora, co kimwe n'amategeko mashasha agenga ikoreshwa ry'inguvu. Kandi kuri benshi, uru rubanza rwabaye ikimenyetso c'uko amategeko akora.

Jack Rice, umushingwamanza mu miji ibiri ya Minneapolis na St Paul yagize ati: "Vyerekana yuko abapolisi batari hejuru y'amategeko. Bizogira ingaruka ku manza zizshikanwa muri sentare muri kazoza.

"Ahubwo igihambaye kurusha ni uko ruzogira ingaruka ku kuntu abapolisi bigenza iyo bari mu kazi kabo mw'ibarabara. Birengeye urubanza rw'ubugizi bwa nabi - vyerekeye ahanini ivyo abapolisi bakora umunsi ku wundi".

Amakuru y'ugucibwa kw'uru rubanza kudasanzwe yashitse kure vuba cane. Roza Gomez w'imyaka 19 aharanira agateka, yari mu buraro bw'ishure ryiwe, nayo Erika Aston w'imyaka 20, nawe aharanira agateka, yari muhira, igihe rwasomwa.

Atson agira ati: "Ndanezerewe. Ndazerewe bimwe bidasanzwe."

Gomez yemeranya nawe ati: "Ni ukwiruhutsa gukomeye."

Rich Stanek, yahoze ari umukuru ajejwe umutekano i Hennepin County, ikibanza cabereyemwo urubanza, we n'abo bakorana babifashe ukundi.

Yari mu nama y'abajejwe umuntekano i Idaho, kandi ntiyatangajwe n'ukuntu urubanza rwaciwe. Hagati yiwe na bagenzi biwe, naho ata kwigina kwabaye: "Abantu bari bijiriwe."

Abaharanira agateka bararengewe, abandi barigumya. Ariko kuri bose, ryari iherezo ry'urugendo, gusozerwa kw'urubanza rwabegeranirije hamwe n'abantu hirya no hino kw'isi, rurabagumya ubutakirekura.

Urupfu rwa Floyd imbere y'akaguriro ka Cup Foods mu kwezi kwa gatanu 2020 rwateje imigumuko ikomeye hamwe n'ugusahura. Hanyuma, haza urubanza rw'akataraboneka, rwambere rukurikiranywe cane mu myaka mirongo.

Ku bantu benshi navuganye nabo ngaha mu muji, mu ndwi zose urubanza rwariko ruraba, hafi ya bose baremera yuko umuji wabo wahinduwe n'ivyabaye. Ariko ntibahuza ku kuntu babona ukwo guhinduka, canke niba cari ikintu kibi canke ciza.

Umukuru w'igipolisi c'i Minneapolis hamwe n'abandi bapolisi batanze ubuhamya bushinja Chauvin. Ariko naho ari uko, benshi mu bantu bakoze mu vyo kurinda umutekano barabashigikiye. Abantu basanzwe ntibashobora kwumva ico ari co gufata umuntu, nk'uko bambwiye, igihe ibintu bishobora guhinduka bibi cane.

Abandi babona Chauvin, hamwe n'ingorane zijanye n'akazi k'igipolisi, ukuntu gutandukanye. Bambwiye yuko abapolisi ngaha ari gake cane bagira ico babazwa. Igihe aba baharanira agateka n'incuti zabo bumva ivyavuye mu rubanza, baguye mu gahundwe.

Umugore umwe yari yambaye umupira wirabura yarasemereye ati "agiye mu munyororo", mw'ijwi risamirana nk'indirimbo, asimbagurika hanze y'inyubakwa urubanza rwasomewemwo.

Cari igihe c'umunezero, abantu bavuza amahoni y'imiduga, basimbira hejuru ku miduga yabo, bazungagiza inkofero mu kirere, umwe muri bo ati "imyiyerekano y'umunezero".

Abaharanira agateka baranezerejwe n'ukuntu urubanza rwasomwe, ariko kandi basaba ko ubutungane bukora mu zindi manza.

Erika Atson agira ati: "Urazi, ntibihereye ngaha. Dutegerezwa kugira uku nyene ku bandi bapolisi bose bariko baragandagura abantu. Iyi ni intsinzi nziza, ariko ntituraheza gutsinda."

We n'abandi bakoze imyiyerekano bumvise baronse inshumbusho. Abantu basanzwe baranezerejwe n'uko gusa uru rubanza ruheze. Ariko bose baribaza ikizokurikira.

Umuji wari nk'akagwati kari mu kabumbe k'urubura rwa neige kakinagijwe, urubura rucanako, hanyuma, mu mpera, amahoro aragaruka. Kuwa kabiri, urubura rwaratekanye, kuri ubu.

Rich Stanek yakinzuye amabarabara ya Minneapolis nk'umupolisi, hamwe n'umukuru w'igipolisi c'umuji. Ariko nyuma y'urupfu rwa Floyd, hamwe n'imyiyerekano yakurikiye, Stanek ntiyasubiye kumenya uwo muji.

Yibuka atwaye imodoka mw'ibarabara rya Lake Street, aza abona ibihomoka vy'amazu. Amajana y'amazu mu muji yari yononywe, biteza igihombo c'imiriyoni $350, nk'uko abajejwe intwaro babivuga.

Abagiye mu myiyerekano nka Erika Atson na Rosa Gomez bumvise kandi basa n'abataye umutwe. Ikibanza nabo nyene babayemwo ubuzima mwabo bwose, ubwo nyene cahindutse ikibanza c'urugamba, abapolisi n'abaharanira agateka bahanganye.

Nabonye ubwa mbere Gomez, yitwaje camera ya milimetero 35 ayambaye kw'izosi, ari imbere y'inyubakwa urubanza rwariko ruraberamwo.

Mu nyuma yanyagiye ku muji wiwe, Minneapolis, umuji uzwi ku bwisanzure bwawo, ibiyaga hamwe n'ikirere c'uburaruko. Ikibanza kirangwamwo imbeho n'ubushuhe bwa kimuntu, igihushane cigaragaza.

Abantu begeka ivanguramoko rifatiye ku rukoba ku miji yo mu bumanuko bwa Amerika, nk'uko Gomez abivuga, nta na rimwe bivugwa ku miji yo mu buraruko nka Minneapolis. Uru rubanza rwarashize ahabone ubwiyorobetsi, nk'uko abandanya avuga, bumwe muri bwo akaba yarabwiboneye ubwiwe.

Se wiwe, acungera ibibanza vy'akaranga, ni umwimukira yavuye i Honduras, hanyuma we akibona nk'umuntu w'ibara, co kimwe n'uwukundana n'abo basangiye igitsina, akifata kandi nk'umuntu atari uw'igitsina runaka.

Yakurikiranye urubanza kandi akumviriza atanyurwa igihe umushingwamanza ahagarariye uwaregwa, Eric Nelson, yavuga yuko ivyakozwe na Chauvin vyari bifise ishingiro.

Kuri uwo munsi w'urubanza, Jerry Obiegbo, akora mu gisata citaho abahoze ari abasirikare, nawe yariko arabiraba, bimwe akabirabira ku kazi, ibisagaye akabirabira muhira. Mu bisanzwe, yarigeze kuba umukoresha wa Chauvin mu myaka y'1990 akiri mu gisirikare.

Amwibuka "nk'umuntu atavuga menshi". Obieglo kandi yaraguye mu gahundwe amubonye mw'i video, yaryamitse Floyd hasi.

Obliego yakurikiraniye urubanza kuri YouTube, agerageza kwirinda amakuru yo kuri television, avuga ko aba abogamye.

Fox yibanda ku kwiregura, mu gihe CNN yaha umwanya munini abashinjacaha. Oblieglo avuga yuko ukuntu Fox yerekanye urubanza vyari bibereye kurusha bimwe mu bitangazamakuru vyegamiye abashigikiye ubwisanzure bweruye, agasigura ati: "Fox ntiyafata Floyd nk'umumarayika."

Oblieglo avuga yuko Chauvin atacishije mu gaciro. Ariko kandi, Oblieglo yumva abagize jury barakabije, mu kumuhamya ivyaha vyose bitatu, hako bomuhamije gusa ico kwica atabigambiriye.

Ikosa aryegeka ku bitangazamakuru vyahambaje urubanza, hamwe n'abigaragamvya, akavuga ko ari bo batumye hafatwa irya ngingo. Yemera yuko abagize jury bumvise bashizweko igitsure, bagakoreshwa n'ubwoba: "Nibaza yuko bashatse kwirinda yuko amazu yabo aturirwa muri iryo joro."

'Dutegerezwa gusambura'

Inyubakwa urubanza rwaberamwo yari yahinduwe mutamenwa, ibiduga bikomeye vya gisirikare biyikikuje, ikindi kimenyetso c'uko urwo rubanza rwahinduye umuji. Gushika ku wambere, umunsi jury yatangura kwihweza urubanza, abasirikare bo hagati mu gihugu 3000 bari ku kazi.

Rich Stanek, yahoze ari umukuru w'umutekano mu muji agira ati: "Vyasa n'ikirindiro gikuru kiberamwo ibikorwa vya gisirikare mu gihugu c'amahanga."

Ariko naho hari ivyahindutse cane ku buryo buboneka mu muji, hari ibitahindutse, ku buryo buhungabanya mu mutwe, ntivyahindutse. Urubanza ruriko ruraba umugabo w'umwirabure, Daunte Wright, yariciwe mu micungararo y'igisagara.

Umupolisi w'umuzungu, Kimberly Potter, ngo yarihenze yitiranya inkoho itera umuyagankuba mu muntu hamwe n'inkoho irasa amasasu, aca yagirizwa kwica atabiteguye.

Cari icibutso c'amahano y'ubwicanyi. Abirabure barenga 50 barishwe muri Amerika baguye mu minwe y'abapolisi kuva mu mwaka w'2000 nk'uko bivugwa n'ikinyamakuru Star Ttribune.

Hagati mu rubanza, Erika Atson yari yicaye mu kanywero k'ikawa, ahantu yakunda kujana na mu genzi wiwe bigana Bibiriya kuwa Mungu, aharabira ubuhamya ikibiriraho.

Atson yarezwe na nyina, umukozi wo mw'ihoteli, mu bumanuko bwa Minneapolis, agateramira kuri Cup Food, yirira Takis, igizwe n'ifiriti zirimwo ibirungo.

Nyuma y'urupfu rwa Floyd imbere y'ako kaguriro, yagiye mu myiyerekano anabona umuriro waduka mu mazu. Avuga yuko umwuka wamota amapine yaturiwe: "Ndibuka mbona ATM (ivyuma vyo kubikuzamwo amahera) ziriko zirasunikwa hirya no hino, abantu bazikubita inkoni, nk'uko umengo bariko barakubita piñata."

Avuga yuko yari atekewe n'ubwoba. Ariko kandi akavuga yuko yumva ubwo bugizi bwa nabi bwari bufise ishingiro.

Agira ati: "Namye nzi yuko ubugizi bwa nabi ari wo muti, ariko none tugomba kumara igihe kingana gute twigumya?

"Ehe ubu ndi ngaha, niyumvira yuko tugomba gukoresha inguvu. Dutegerezwa gusambura inyubakwa za leta. Niyumvise nabi igihe nari aho hantu, ariko nagira nti - ibi bitegerezwa kuba."

Mu gihe c'urubanza, Maren Beard, w'imyaka 35, yabirabiye mw'itongo ryiwe riri ku birometero amajana muri leta ya Iowa. Video yamamaye hose yaramukozeko, ababazwa cane kandi no kuba atari azi ivy'igikenya gikoreshwa n'igipolisi.

Avuga ati: "Ibintu nk'ibi biraba igihe cose. Sinavyiyumvirako cane nk'uko nategerezwa, ku bwanje cabaye nk'ikintu kinkanguye."

Ikintu gikangura kuri bamwe. Ku bandi, akaryo ko guhindura umuji.

Umunyeshure Rosa Gomez avuga yuko imyiyerekano yo mu mwaka uheze yamukabuye, "twumfise dushigikiwe ku buryo budasanzwe."

Igihe kimwe, abari mu myiyerekano bamuhaye ivyatsa umucanwa, hanyuma aca atangura gukorora cane kubera imyotsi.

Ariko naho biri uko, yaranezerejwe no kubona ibishirira bitaruka: "Vyari ibintu bihimbaye."

Uwo munsi, yibuka aca imbere y'icapa cagira giti: "Ntituriko turagerageza gutanguza intambara y'amoko. Turiko turagerageza kuyiheraheza."

Kuri we n'abandi bari mu myiyerekano, ukuntu urubanza rwaciwe kuwa kabiri yari intambwe muri iyo nzira.