Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
US: Umusirikare w'umwirabure yitwariye abaporisi bamuhagaritse bakamukubagura
Umusirikare w'umwirabure muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika afise ipete rya Liyetena yitwariye abaporisi babiri bamuhagaritse bakamurabishako inkoho bakanamutera ivyuka vy'ipiripiri igihe bari bamuhagaritse.
Mw'ireresi yafashwe mu kwa cumi na kabiri muri reta ya Virginia na kamera yambarwa n'abajejwe umutekano, Liyetena Caron Nazario aboneka yambaye impuzu za gisirikare.
Uyu musirikare abwira aba baporisi ati: "Ni ukuri ndatinya gusohoka". Umwe muri bo nawe aca amwishura ati: " Ego, ni ngombwa nyene utinye".
Igiporisi kivuga ko uyu musirikare yahagaritswe kubera aterekanye imparati y'imodoka yiwe, ariko muri iyo reresi imparati mfatakibanza iraboneka neza.
Igihe ivyo vyaba, uyo musirikare yari yambitswe amapingu mu gihe imodoka yiwe yariko irasakwa, yabajijwe igituma bariko baramukubagura, hanyuma umuporisi aca amwishura ati: "Ni kubera wabanje kunana". Mu nyuma yahavuye arekurwa ariko ata rubanza aciriwe.
Mu rubanza yuguruje kuri sentare y'akarere ka Norfolk muri Virginia aho yitwariye abo baporisi babiri, Joe Gutierrez na Daniel Crocker, uyo musirikare abagiriza ko bahonyanze uburenganzira bwiwe ahabwa n'ibwirizwashingiro, harimwo kumuhohotera, kumusaka no kumufunga mu buryo budaciye mu mategeko.
Uru rubanza rwugurujwe mu gihe hariko hakorwa amatohoza atari make ku bivugwa ko abaporisi bakubagura inkehwa kandi ko bakoresha akarenganyo gashingiye ku rukoba.
Uwahoze ari umuporisi Derek Chauvin ariko araburanywa ku bwicanyi bwakorewe wa mwirabure George Floyd.
Ireresi yerekana umuzungu Chauvin yapfukamye kw'izosi ry'uyo munyamerika akomoka muri Afrika igihe bamuhagarika, ivyatumye isi yose itera ivyatsi amacakubiri ashingiye ku rukoba.
Amakuru arambuye kuri ivyo vyabaye
Liyetena Nazario, umwirabure akomoka muri Amerika y'Epfo, yari yambaye impuzu z'akazi akaba yariko agendesha imodokari ifise imparati mfatakibanza yari imanitse ku kiyo c'inyuma, yategetswe gushira imodoka ku uhande mu gisagara ca Windsor, hari ku wa 05 z'ukwa cumi na kabiri umwaka uheze.
Niho yahagarika imodoka yiwe kuri station y'igitoro asohora amaboko mw'idirisha, abaza abo baporisi igituma bari bamuhagaritse.
Umushingwamanza Jonathan Arthur ariko aburanira Liyetena Nazario avuga ko uyu musirikare yari azi neza ko ari nkenerwa gusohora amaboko yiwe.
Umushingwamanza Arthur yabwiye televiziyo CBS ati: "Kwambura umusipi, gukora ico ari co cose, canke ukwihenda gato gusa - yatarinya ko baca bamwica".
Uru rubanza rwashinzwe na Liyetena Nazario ruvuga ko Gutierrez yatahuye igituma uyu musirikare yarindiriye akaza guhagarika imodoka yiwe ahantu habona.
Umupolisi yagize ati: "Ndabitahura, ibinyamakuru vyihutira kwerekana umubano mubi hagati y'abajejwe kwubahiriza amategeko n'inkehwa. Ndabitahura".