Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
US: Umupolisi w'i Massachusetts yaguriye ibifungurwa umuryango wagirizwa ubusuma hakuwufata
Umupolisi wo muri Amerika yahamagawe kugira ahagarike umuryango wari wiketsweko ubusuma, hakubafata yaciye abagurira imfungurwa kugira bashobore gufungura neza ku musi mukuru wa Noheli.
Matt Lima, yahamagawe kw'iduka ridandaza imfungurwa i Somerset, Massachusetts mu kwezi guheze, nk'uko biri mw'itangazo ry'igipolisi.
Abapfasoni babiri bagirijwe kuba baterekanye ivyo batoye vyose muri iryo duka.
Babajijwe, uwo muryango wavuze ko uri bihe bikomeye ko batari gushobora kuronka amahera bariha ivyo bifungurwa vyose.
Ariko ko bagumye bashaka kugaburira neza abana babo ku musi mukuru wa Noheli.
Lima yabategetse kudasubira gukora iibintu nk'ivyo, ariko ntiyabakurikiranye kubera ibintu vyose vyari ku gapapuro barihiyeko vyari ibifungurwa gusa, nk'uko igipolisi kibandanya kibivuga.
Hanyuma yaciye abagurira ikarata y'akaganuke iciye amadolari ya Amerika 250, akoresheje amahera yiwe, kugira abo bapfasoni n'abo bana babiri bashobore kugura imfungurwa z'umusi mukuru wa Noheli mu kandi kaguriro.
Lima yavuze ati:"Abo bana babiri bari kumwe n'abo bapfasoni banyubukije abanje, nategerezwa kubafasha."
Yabwiye imboneshakure yo muri ako gace ati:"Muvyo ukuri, uyu muryango urakenye, siniyumvisha ingene nari gufata ingingo yo kuja kri Stop and Shop (iduka ry'ibifungurwa), hanyuma ngo ndihe gusa ivyo nshoboye - canke kujayo hanyuma nkagerageza gufata imfungurwa zo ku Noheli z'abo bana?"
"Barashimye cane, babaye nk'abajumarariwe. Ndazi neza ko abantu benshi mu bihe nk'ivyo bari kwiyumvira ko hari gukorwa ibindi atari ivyo, nkeka bari kubafata no kubashikana imbere y'ubutungane.
Yongeyeko ati:"Nague ikarata y'akaganuke ifise agaciro kegereye ako ivyo bari batoye. Nakoze ivyo numva ko bikwiye. Si ku bwanje. Nshize gusa mu kibanza c'uwo muryango hanyuma nifatanya na wo. "