Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
George Weah ni we aza imbere mu matora yo muri Liberia
Uwabaye rurangiranwa mu mupira w'amaguru George Weah ari imbere mu matora y'umukuru w'igihugu aherutse kuba muri Liberia.
Ibiharuro bitangwa n'akanama kajejwe gutegura amatora NEC vyerekana ko Weah ari imbere mu ntara 11 kuri 15 n'aho amajwi yse ataraharurwa.
Uwumukurikira ni uwahora ari icegera c'umukuru w'igihugu Joseph Boakai, ari imbere mu ntara imwe no mu zindi zose zisigaye akaba aza mu kibanza ca kabiri.
Kugira uronke intsinzi muri ayo matora, ategerezwa kuronka ibice 50% vy'amajwi yose, ariko mu gihe atawoshikana ayo majwi, amatora azoca asubirwamwo mu kwezi kwa cumi na rimwe.
Uwuzotsinda ayo matora azoca asubirira mu kibanza umupfasoni wa mbere yabaye prezida ku mugabane wa Afrika umupfasoni Ellen Johnson Sirleaf arangije ikiringo ciwe nk'uko bitegekanywa n'ibwirizwa shingiro ry'ico gihugu, yanaronse agashimwe ka Nobel.